Wednesday, March 29, 2023
HomeUbutunziUbushobozi bwo kugura bw'abarundi butera busubira inyuma kandi ibiciro vy'ibiribwa biguma biduga...

Ubushobozi bwo kugura bw’abarundi butera busubira inyuma kandi ibiciro vy’ibiribwa biguma biduga (Fews Net)

Ubushobozi bwo kugura bw’abanyagihugu b’abarundi butera busubira inyuma mu gihe ibiciro vy’ibifungurwa vyovyo biguma biduga uko bwije uko bukeye. Ivyo bitangazwa n’ishirahamwe ryishinze kubura inzara Fews Net mu cegeranyo caryo giheruka gushirwa ahabona. Kubw’iryo shirahamwe, bituma abanyagihugu batagira intege zo gusuma ibifungurwa.

Mu kwezi kwa Myandagaro uy’umwaka wa 2022, Ibiciro vy’ibifungurwa abarundi bakeneye cane vyaraduze kugeza ku rugero rw’ibice ruri hagati 20 na 30 % ugereranije mu kiringo c’imyaka itanu iheze. Ukwo niko ishirahamwe Fusy Net rivyandika mu cegeranyo caryo cashizwe ahabona kuwa 14 uku kwezi kwa Nyakanga. Kubwa Fews Net, ivyo ibiciro vyaduze kandi hagati y’ibice 5 na 40 % ugereranije no ku mwaka uheze wa 2021.

Kubw’iryo shirahamwe, ivyo biciro vyaduze bitewe ahanini n’ibiciro vyo kwiyunguruza, n’ikoroka ry’amafaranga y’agaciro. Fews Net yibutsa ko hagati y’ukwezi kwa Nzero na Mukakaro uy’umwaka wa 2022, ibiciro vy’ibitoro vyaduze kugera ku bice 40% igiciro kizwi. Ni mugihe kuri magendo ho ikiguzi caduze incuro zirenga zitatu ufatiye ku giciro ca Leta. Kubw’iryo duga ry’ibiciro vy’ibitoro, Fews Net ivuga ko arivyo bituma ibiciro vyo kwiyunguruza bica biduga maze ibifungurwa navyo bigakurikira.

Fews Net ikibutsa ko ingingo yo gukura ibigori hanze izotuma haba agahengwe kugeza mu kwezi kwa Nzero 2023. Ishirahamwe Fews Net rivuga kandi ko uturere twinshi tw’uburundi tuzoshobora kuronka umwimbu ugereranye kugeza mu kwezi kwa Nzero mu mwaka uza. Ivyo navyo bikazoba vyunganirwa n’umwimbu wo ku mpeshi uy’umwaka n’umwimbu wo mw’irima ryo muci aho bishoboka. Ariko iryo shirahamwe rirangiza ryerekana ko intara zo mu buseruko no mu buraruko bw’igihugu zizoba zifise umwimbu w’intica ntikize bishobora no guhakwa kwinjira mu nzara hamwe hamwe bitewe n’iduga ry’ibiciro kandi ko abanyagihugu ataco bariko bunguka ku bijanye no guhanahana ibidandazwa na cane cane hagati y’igihugu c’uburundi na Tanzaniya hamwe n’igihugu c’urwanda.

Must Read