INTERNATIONAL NEWS

Ubushinwa Bwuguruye Ikambi ya Gisirikare Hanze Y’Igihugu, Kwoba Ari Uguhiganwa Na Amerika ?

on

Igihugu c’Ubushinwa caararungitse muri iyi ndwi abasoda mu gihugu ca Djibouti( igihugu kiri muri Afrika y’Ubuserumo bushira Uburaruko) kugira bahagire ikambi ya mbere ya gisirikare hasnze y’igihugu. Ni intambwe ihambaye muri kahise k’igihugu c’Ubushinwa kugira igisoda hanze y’igihugu.Nkuko Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubushinwa abimenyesha, iyo kambi ya mbere ya gisirikare hanze y’igihugu izofasha Ubushinwa « kurangura neza ivyo isabwa mu mahanga ».

Abagize iyo kambi ya gisirikare y’Ubushinwa bavuye mu Bushinwa ku kusi wa kabiri itariki 11 Mukakaro mu bumanuko bw’Ubushinwa bagana i Djibouti, agahugu gatoyi k’ihembe rya Afrika, nkuko itangazo ry’Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Ubushinwa ryacishijwe ku rubuga ngurukana bumenyi.Iyo kambi ya gisirikare ya mbere y’Ubushinwa ibonwa na benshi ko « idasanzwe « mwa bino bihe isi igezemwo.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Ubushinwa amenyesha ati : « Iyo kambi ya gisirikare izofasha mu gushigikira ingendo z’Ubwato muri afrika no muri Aziya y’Ubumanuko bushira Ubuseruko(Moyen-Orient), mu bikorwa vyo kubungabunga amahoro vya ONU hamwe n’ibijanyo n’imfashanyo ihabwa abantu kw’isi yose …iyo kambi ya gisirikare kandi izofasha Leta y’Ubushinwa mu kurwanya inyuruzwa ry’amato mu biyaga(Piraterie) hamwe no gufasha abanyagihuvu bayo bakarekurwa mugihe hateye ivyago ».


Ubushinwa bwari bwamenyesheje kuva mu mpera za 2016 ko buzoshira ikambi ya gisirikare muri Djibouti. Ako gahugu gatoya ka Afrika kakaba kari gasanzwe gafise amakambi ya gisirikare y’ibihugu vy’Ubufaransa, leta Zunze Ubumwe Za Amerika hamwe n’Ubuyapani. Ico gihugu kikaba gifise gifise abanyagihugu 800 000.

Kwoba ari uguhiganwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ?

Abihweza ibintu n’ibindi, babona ko Ubshinwa bugomba guhiganwa na Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makugu bwamenyesheje ku musi wa gatatu ko iyo kambi ya gisirikare ‘iriho gusa kugira ifashe leta y’ubushinwa’.Ariko Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa leta Zunze Ubumwe Za Amerika bwamenyesheje muri Ruheshi uyu mwaka ko iyo kambi ya gisirikare y’Ubushinwa »ije kugira ibandanye ifasha Ubushinwa kwagura imbibe n’ububsaha bwabwo bwa gisirikare, mu gihe ico gihugu kibandanya gikomeza inguvu za gisirikare gifise ». Ariko rero Leta y’Ubushinwa ikaba yaramiriye kure ivyo birego vya USA ko « ubushinwa butarondera kwagura ububasha bwa Gisirikre mu mahanga ».

Ugeraranije, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika gifise amakambi ya gisirikate hanze y’igihugu « arenga 600 », Ubufaransa bukaba bufise nka « mirongo », nkuko Juliette Genevaz, Umushakashatsi mu vyubuhinga bwa gisirikare kw’ishure rya gisirikare ry’Ubufaransa.

Recommended for you