NEWS

Ubushinwa Bwiyemeje Guterera Imiliyoni 15 Z’Amadolari Mu Migenderanire N’Uburundi.

on

Ku musi wa gatandatu itariki 9 kigarama 2017, umukuru w’igihugu c’Uburundi yarakiriye mu biro iwe intumwa zaje ziva mu gihugu c’Ubushinwa zirongowe n’umufasha mu Bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Ubushinwa, Chen Xiadong, aho izo ntumwa zaciye ziyemeza ko igihugu c’Ubushinwa kigiye guterera mu bijanye n’imigenderanire hagati y ‘Uburundi n’ubushinwa amafaranga ashika ama Yuan( amahera y’Ubushinwa) imiliyoni 100, nk’imiliyoni zirenga 15 z’Amadolari y’Abanyamerika.( nk’imiliyaridi 50 mu mafaranga y’Amarundi)

Chen Xiadong yaramenyesheje ko abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa basangiye « ubugenzi hamwe n’imigenderanire vya hafi cane, ivyatumye ibice bimwe mu bijanye no kwiteza imberemu Burundi vyisununura mu myaka iheze », nk’uko Ikinyamakuru c’Ubushinwa Xinhua kibimenyesha.

Ku bwa jean Claude Karerwa, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, mu kiyago cabaye hagati y’izo ntumwa z’Ubushinwa na Pierre Nkurunziza carerekanye ko imigendaeranire hagati y’Ubushinwa n’Uburundi ikomeye kandi ko biyemeje kuyikomeza.

Chen Xiadong yamenyesheje ati : « Twayaze ku bijanye n’uburyo Ubushinwa bwofasha mu buryo buboneka, kandi ko Ubushinwa buzobandanya bufasha Uburundi mu kwiteza imbere uko bishoboka kwose. Turafitaniye imigambi iboneka hagati yacu, kandi mu misi ya vuba tuzotangura gushira mu ngiro iyo migambi hagati yacu ».

Igihugu c’Ubushinwa kiriko kiragira imigenderanire cane n’ibihugu vya Afrika bisa n’ivyaciwe n’ibihugu vya Buraya na Amerika, aho twovuga ukuntu Ubushinwa buriko burakorana cane n’intwaro nshasha ya Zimbabwe hamwe n’ibindi bihugu mu bijanye n’imigambi yo kwiteza imbere.

Recommended for you