INTERNATIONAL NEWS

Ubushinwa Buragabisha Leta Zunze Ubumwe Za Amerika!

on

Inyuma y’aho Umukuu w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, afatiye ingingo maze aratangaza ejo ku wa 14 Ruhuhuma 2018 ko agiye gufatira ibindi bihano igihugu c’Ubushinwa, igihugu c’Ubushinwa cagabishije bikaze Amerika ko Amerika ari nka hamwe yosubira gufatira ibihano bishasha Ubushinwa vyovamwo intambara yo mu vy’ubutunzi itari bwigere ibaho.

Ubushikiranganji bw’ubushinwa bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwasohoye itangazo nabwo ejo ku bijanye n’ivyo bihano vya Amerika muvy’ubutunzi ku gihugu c’Ubushinwa. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Geng Shuang, yamenyesheje, mu kiganiro n’abanyamakuru, ko ‘ingingo iyo ari yo yose Amerika yofata vyokwunyura ingorane zo mw’isi yose kandi vyotuma ubutunzi bw’isi buhononekarira’.

Geng Shuang yamenyesheje ati: « Turavye ibidandazwa Amerika n’Ubushinwa bihana, birasanzwe ko haba ukwo kutabona ibintu kumwe, ariko Ubushinwa buguma bubona Amerika ko iguma iri uwodukorana mu vy’ubutunzi kandi turizeye ko tuzokwagura amasoko yacu ».

Umukuru wa Amerika, Donald Trump akaba yagabishije bikaze ku wa 13 Ruhuhuma 2018 ko agiye gushiraho ibindi bihano ku bijanye n’ibidandazwa biva mu Bushinwa vyinjira muri Amerika. Trump akaba yamenyesheje ko agiye kuzosuzuma « amahitamwo yose ahari », inyuma yo kwagiriza Ubushinwa ko bwononye amahinguriro y’Ubutare bwa Acier na Aluminium muri Amerika.

Kubera ko Amerika yari imaze gufatira ibihano Ubushinwa mu bijanye n’ubutunzi, ubu hoho ivyo bindi bihano bitinywa ko vyohava bivamwo ugukozanyako hagati y’ivyo bihugu bibiri vya Rutura kwisi mu vy’ubutunzi. Ariko rero nk’uko abahinga bamaze kuvyerekana, Amerika irashaka kuguma ifise ubukuru mu vy’intambara no mu vy’ubutunzi, ariko rero Ubushinwa bikabonwa ko umwanya n’umwanya buzotangazwa ko bwaciyeko Amerika.

Recommended for you