NEWS

Ubushikiranganji bw’Umutekano buriyamiriza ibinyamakuru vy’ikinyoma nka IYAKURE TV

on

Ubushikiranganji bw’Umutekano buriyamiriza ibinyamakuru vy’ikinyoma nka IYAKURE TV hamwe n’ibindi bifise intumbero yo gucanishamwo Abarundi muri kino gihe Uburundi bwimirije amatora.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona na Pierre Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji , haravugwamo ibinyamakuru vyiswe ivy’ikinyoma nka IYAKURE  TV, ISHAMI TV, KIGALI NEWS biri mu gihugu c’Urwanda bikwiragiza ibinyoma ku Burundi.

Muri urwo rwandiko haravugwamo ko ivyo binyamakuru vyo mu Rwanda bivuga ibinyoma vyeruye ku Burundi kandi ko bitosamaza Abarundi n’Uburundi.

Pierre Nkurikiye kandi aramanyesha ko intumbero y’ivyo binyamakuru bifise intumbero yo kubandanya umugambi wavyo mubi wo gutembagza ubutegetsi bw’Uburundi, ivyabananiye mu mwaka wa 2015.

Nkurikiye arangiza asaba Abarundi ko batoha amatwi ivyo binyamakuru muri iki gihe Uburundi bwimirije amatora ya 2020.

Mwomenya ko nk’ikinyamakuru IYAKURE TV n’ibindi usanga ahanini vyibandsa ku makuru yo kuvuga ivyo mu gisirikare c’UBurundi mu ntumbero yo gucanishamwo abasirikare b’igihugu.

 

 

Recommended for you