NEWS

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwasohoye ingabisho y’ikiringo c’amatora.

on

Kubera himirije amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ku mwa 17 Rusama 2018, ubushikiranganji bw’ubutungane bukaba nabwo bwasohoye itangazo rigabisha abo bose bohirahira ‘bagatoba’ ayo matora.

Ubushikiranagnji bw’umutekano bwaramaze kugabisha kubokora ibikorwa vyo guhungabanya umutekano w’ayo matora. Ubushikiranganji bw’ubutungane bumenyesha ko ‘inzego mpanavyaha ziriho kandi ko zigiye gukomezwa kugira hazohanwe uwo wese yogerageza kudurumbanya iki kiringo c’ayo matora’.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bukaba bumenyesha ko abanyagihugu muri rusangi, abanyepolitike n’abandi kwirinda ikintu cose coza gihugabanya ikiringo co kwiyamamariza akamarampaka hamwe no mu gihe c’amatora, kandi ko ibihano bizofatwa ata gufyima.

Soma iryo tangazo ry’Ubushikiranganji bw’ubutungane ngaha, ryasinyweko na Agnes Bangiricenge, umunyabanga wa Sentare Ntahinyuzwa.

Recommended for you