Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUbushikiranganji bw-amagara y-abantu bubona ko abigeme bokwiga amashure maremare bikunde kuvyara k-urugero...

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu bubona ko abigeme bokwiga amashure maremare bikunde kuvyara k-urugero .

Mu gihe kuri uyu wa 11 Mukakaro ariho kw-isi yose hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe  irwirirana ry-abantu , Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya ikiza ca SIDA bumenyesha  ko kimwe muvyotuma igihugu gishikira ihangiro ryo 2025 ry-uko ata muvyeyi yorenza abana batatu, n-uko abigeme bokwijukira kuja mu mashure , kandi bakiga amashure maremare gutyo  ntibaje kwubaka izabo bakiri bato . Ubwo bushikiranganji bukabonako ariyo nzira yonyene  yogabanya urugero runini  ruriko ruboneka rw-abigeme baja kwubaka bakiri bato cane.Burundi – Covid: 'Twahisemwo kuba turatenyenya' ku ncanco - BBC News Gahuza

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu nokurwanya ikiza ca SIDA burongera bugahimiriza  ko abubakanye bijukire kuza baraja kwa muganga  kugira baharonkere  inyigisho zijanye n-irondoka rijanye n-amagara meza k-ububatse  be n-inyigisho zijanye n-indero runtu na cane cane kwigumya  ku rwaruka gushika rugere mu bigero vyo kwubaka izabo.

Mu kurangiza, ubwo bushikiranganji butera akamo abagabo  kuza baraja inama n-ingingo n-abagore babo kugira bafatire hamwe ingingo y-uburyo bwo kurondoka  ku rugero  bipfuza , kanatsinda  ngo ˮ urugo ni babiri‟

 

Must Read