NEWS

Uburusiya bwiyemeje kubandanya bufashe Uburundi mu mugongo

on

Igihugu c’Uburusiya ni kimwe mu bihugu bike cane vyo hanze y’Uburundi ku mugabanwe wa Buraya ana Aziya bigifashe mu mugongo igihugu c’Uburundi.

Ivyo vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburusiya, Sergei Lavrov, aho yamenyesheje mugenziwe w’Uburundi, Ezechiel Nibigira, ko Uburusiya buri inyuma y’Uburundi.

Ivyo biri uko mu gihe Ibihugu vyinshi vya Buraya na Amerika vyahisemwo gutera akagere igihugu c’Uburundi bicagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu.

Lavrov yagarutse ku bihano igihugu c’Uburundi cafatiwe maze amenyesha ko Uburusiya bwiyemje gufata mu mugongo igihugu c’Uburundi naho ibindi bihugu bitagishigikiye.

Uburusiya hamwe n’Ubushinwa nivyo bihugu bibiri vyama vyagwaniriye igihugu c’Uburundi muri ONU mu bihugu vyinshi usanga bitagiha ikaze.

Kuva mu mwaka wa 2015, Uburundi busa n’ubwaciwe n’amakungu kubera imyyerekano yabaye yiyamiriza itorwa rya Petero Nkurunziza hamwe n’ibivugwa ku bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi.

https://twitter.com/RFI/status/1192045463995846656?s=20

Recommended for you