INTERNATIONAL NEWS

Uburusiya Bwahagaritse Idini Ry’Ivyabona Vya Yehova Mw’ico Gihugu.

on

Sentare Ntahinyuzwa yo mu gihugu c’Uburusiya yaraye yemeye igisabo ca Leta y’ico gihugu co gushira idini ry’Ivyabona vya Yehova mu murwi w’amadini atemewe n’amategeko, kandi ko ari idini ry’intagondwa( Extremist Group).

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwavuze ko iryo dini ryakwiragije inyandiko zituma abandi bantu bo mu madini bankwa. Ababuranira idini ry’Ivyabona vya Yehova barahakanye ivyo birego maze bavuga ko bazokwunguruza.

Iryo dini ry’Ivyabona vya Yehova rifise abanywanyi 175 000 mu gihugu c’Uburusiya, igihugu abanywanyi b’iryo dini bahamwe cane bongera barangazwa mu gihe c’Ubutegetsi bwa Joseph staline.

Bivugwa ko hari abantu imiliyoni 8 basenga mwiryo dini ry’Ivyabona Vya Yehova, iryo dini rikaba rizwi ko abanywanyi baryo bamara umwanya munini bari mu masekeza yo kurondera abanywanyi bashasha bava ku nzu baja ku yindi.

Ivyabona Vya Yehova barazwi hose ku gikorwa cabo co ku nzu n’inzu barondera abanywanyi

Ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burusiya bwategetse ko ubucamanza buca bwugara Icicaro c’iryo dini mu Burusiya mu Gisagara ca St Petersburg, hamwe no kwiyamiriza bimwe bimwe mu bitabu bivugwa ko bikavya bisohorwa n’iryo dini.

Abategetsi mu Burusiya bagiriza iryo dini ko basamabura imibano, gukwiragiza urwanko hamwe no gushira ubuzima mu kaga, ibirego Ivyabona vya Yehova bahakana ko ari Atari ivy’ukuri. Umuvugizi w’iryo dini yabwiye Itangazamakuru AFP ko yatangajwe niyo ngingo yafashwe n’Igihugu c’uburusiya.

“Sinari niteze ko iyo ngingo ishobora gufatwa mu gihugu c’Uburusiya, aho amategeko aha ubwigenge abanyagihugu mu bijanye no gusenga”, niko Yaroslav Sivulsky yavuze.

Idini ry’Ivyabona Vya Yehova ryatanguye mu kinjana ca 19 muri Amerika. Igihe Ubumwe bw’Abasovieti bwatemba, amadini menshi ya gikirisu yarasubiriye gukora mu Burusiya harimwo nuko idini ry’ivyabona vya Yehova ryaciye ryemererwa gukora mu 1991 muri ico gihugu.

Ariko impagararo ya leta kuriryo dini ry’Ivyabona vya Yehova yaratanguye guhinduka kandi kuva mu 2004. Uburusiya bwatanguye kwagiriza iryo dini ko ryandikisha abana kugira babe abanywanyi baryo, kandi ko babuza abandi ngo ntibemere kuvugwa.

Recommended for you