Thursday, December 1, 2022
HomeInternational newsUburusiya butangaza ko bumaze kwica abacangero 1035 muri 6824 baje kurwanira Ukraine.

Uburusiya butangaza ko bumaze kwica abacangero 1035 muri 6824 baje kurwanira Ukraine.

kuva hatanguye  intambara muri Ukraine kuwa 24 Ruhuhuma 2022, Abacangero bo mu bihugu 63 bangana 6824 aribo bamaze gushika muri Ukraine. Ibihugu vya Pologne, Leta Zunze ubumwe za Amerika , canada n-ubwongereza bikaba aivyo bifisemwo benshi. Muri abo abangana 1035 baramaze kwicwa n-ingabo z-uburusiya.  Vyatangajwe kuri uyu w-Imana n-umuvugizi w-ingabo z-uburusiya Gén.Major  Igor Konashenkov.Image

Nkuko bibandanya bitangazwa n-ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw-uburusiya, Abo bacangero bakaba baturuka mu bihugu vya Leta Zunze ubumwe za Amerika, iburaya hamwe na Canada. Igihugu ca Pologne kikaba arico gifise abacangero benshi bangana 1717, Abangana 1500 baturuka  muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, Canada na Roumanie, Abangana 300 baturuka mu bwongereza  na Georgia hamwe rero 193 bavuye muri Tirikiya. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bumenyesha kandi ko abacangero bagera 912  barase kubandanya kwifadikanya n-abagenzi babo mw-urwo rugamba maze ngo bahitamwo kuyanyaga barahunga.

Igor Konashenkov  asubira gutera akamo yibutsa ko abo bacangero nubu batagengwa n-amategeko mpuzamakungu y-intambara ajanye n-imbohe zo mu ntambara ziba zafatiwe ku rugamba.

 

 

Must Read