NEWS

Uburundi, Ubushinwa, Cuba na Venezuela Bahagaritse Icegeranyo Ca ONU.

on

Umugwi wa ONU witaho agateka ka zina muntu( The UN Human Rights Council) warasohoye icegeranyo ejo ku musi wa mbere usaba ko hoba amatohoza yihariye ku bijanye n’ibikorwa vyo ‘guhonyanga agateka ka zina muntu mu karere ga Ghouta muri Syria’. Leta ya Syria ikaba yagirizwa ko mbere yakoresheje ibigwanisho vy’Ubumara mu gutera abansi muri Ghouta.

Mu karere ka Ghouta mu gihugu ca Syria hagize imisi hari ibitero bikomeye aho Leta ya Assad iriko yivuna abo yita imirwi y’iterabwoba. Ariko rero, imirwi ijejwe agateka ka zina muntu ikavuga ko Leta ya Assad iriko igandagura abantu bunyamaswa, ku buryo itemera ko hari n’imfashanyo z’abagiraneza zinjira muri ako karere.

Mu karere ka Ghouta, ibitero vyo mu kirere birahitana abanyagihugu.

Ico cegeranyo kikaba catowe n’ibihugu 29, hama 14 navyo ntaco vyakivuzeko, ibihugu bine navyo arivyo Uburundi, Ubushinwa, Cuba na Venezuela ntivyacemeza. Ico cegeranyo kikaba gisaba Leta ya Syria ‘kureka abakozi ba ONU n’amashirahamwe y’abagiraneza bashobore gushikira abanyagihugu bakeneye inkenero’.

Mu gihe leta ya Syria yoyo imenyesha ko ico cegeranyo gishingiye ku mvo za politike, amashirahamwe mpuzamakungu yoyo aguma asemerera ko iyo leta ya Assad iguma isesa amaraso y’inzira karengane. Human Rights Watch ryoryo riheruka ‘kwiyamiriza ikoreshwa ry’ibigwanisho vy’ubumara bikoresha na leta ya Syria ku banyagihugu ataco bazira’.

Recommended for you