NEWS

Uburundi n’Urwanda bakwiye gufatira akarorero kuri Ethiopia na Erithreya.

on

Mu gihe hari haciye imyaka 20 hari inzankano zikaze hagati y’ibihugu bibiri arivyo Ethiopia na Erithrea, ibihugu bibiri vyo muri Afrika yo mu buseruko bushira uburaruko, ivyo bihugu uko ari bibiri vyaraye bifashe ingigo yo gusubira kunywana naho hari haheze imyaka nk’iyo haciye igihe ari abansi katwa.

Iyo ngingo yafashwe n’ibihugu bibiri vya Afrika irakwiye kubera akarorero keza ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda kubera imigenderanire mibi n’icuka kibi kiri hagati yabo. Ico cuka kibi kikaba cagiye kwunyuka guhera mu mwaka wa 2015 aho hatanguye intureka zo kwiyamiriza ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza.

Mwomenya ko leta y’uburundi yagiriza Urwanda kubika no guha ubuhungiro abagirizwa imigumuko mu Burundi hamwe n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015. Leta y’Urwanda nayo ikagiriza Leta y’Uburundi kubika no kumenyereza mu vya gisirikare interahamwe zagirizwa na leta y’Urwanda kugira uruhara mw’ihonyabwoko mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wa 1994.

Ariko rero, aba na bariya barabona ko Ethiopia na Erithrea bikwiye kubera akarorero Uburundi n’Urwanda kugira basubire kunywana nk’uko vyahora. Ubu ibidandazwa bimwe bimwe bikaba vyarahagaritswe kujanwa mu Rwanda bivuye mu Burundi hamwe n’ibiva mu Rwanda bimwe bimwe bikaba bitakiza mu Burundi kubera imigenderanire yatosekaye hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Recommended for you