NEWS

Uburundi nubu ngo ntiburitunganya neza kugira buje muri SADC

on

Inama ya SADC yabereye muri Tanzania mu mpere z’indwi turangije yaraganiriye ku kibazo c’Uburundi busaba kugira bwinjire mu muryango w’ibihugu vya SADC(Southern Africa Development Community).

Umukuru wa Tanzania John Pombe Magufuli, ubu agiye kuramutswa uwo muryango wa SADC, yamenyesheje ko ivyo Uburundi bwasavye ko bwokwinjira mu muryango wa SADC vyihwejwe maze basanga harabura ibisabwa binaka ku Burundi kugira bwemererwe muri SADC.

Magufuli akaba yavuze ko agiye kurungika umurwi wa SADC uze mu Burundi gutohoza vuba ko mu vy’ukuri igihugu c’Uburundi cokwemererwa kwinjira mu muryango wa SADC.

Mu mezi aheze niho wahora atwara SADC, umukuru wa Namibia, yamenyesha ko Uburundi butaritunganya neza kugira bwemerewe muri SADC.

Ico gihe havuzwe ko Uburundi butararyohora neza ibibazo bijanye n’agateka ka zina muntu maze bubwirwa kubanza ‘gutunganya neza ivyo muhira’  ngo bubone kwmererwa.

Recommended for you