NEWS

Uburundi Ntibwemeje Icegeranyo ca ONU Ku Bijanye N’Ihonyabwoko Ku Ba Rohingya.

on

Ejo ku musi wa kabiri, niho Umugwi wa ONU ujejwe ivy’agateka ka zina muntu ( UN Human Rights Council) washira ahabona icegeranyo cerekana ko habaye ihonyabwoko ku bwoko bw’abantu b’aba Rohingya b’aba Islamu bo mu gihugu ca Myanmar, aho abategetsi b’ico gihugu bagirizwa kugira uruhara mw’iryo honyabwoko.

Ariko rero ico cegeranyo kikaba ciyamirijwe n’ibihugu bitatu arivyo Uburundi, Ubushinwa hamwe na Phillipines.Ibindi bihugu 9 harimwo Ubuhinde ntaco bavuze kuri ico cegeranyo ca ONU, mu gihe ibihugu 33 vyatoye kuri ico cegeranyo. Abo ba Rohingya bakaba benshi bahungiye mu gihugu ca Bangladesh, abandi nabo baricwa.

Ishirahamwe Amnesty International ryamenyesheje ku bijanye n’ico cegeranyo ko ‘vyerekana ko isi yose yunze Ubumwe ku bijanye n’abantu ibihumbi b’aba Rohingya bariko bashikirwa n’itotezwa rikaze’. Ku bijanye n’ibihugu bitatoye ico Cegeranyo, Amnesty International yamenyesheje gutya: “Mu kwanka gutora ico cegeranyo, ibihugu vy’Uburundi, Ubushinwa hamwe na Phillipines vyerekanye mu buryo bubi ukuntu bibona amabi akorwa mw’isi”.

Nicholas Bequelin wa Amnesty international yamenyesheje ko ‘ibihugu bitatoye ico cegerayo vyagaragaje ko bihaseruka gusa mu gukingira abakoze ibibi…kubera ko ico cegeranyo cotumye izo mpunzi zihunguka mu mutekano ntangere’.

Umukuru w’uwo mugwi wa ONU ujejwe ivy’agateka ka zina muntu, Zeid Ra‘ad al-Hussein yamenyesheje ko ‘ibimenyetso vy’ihonyabwoko’ vyakozwe n’ingabo za Myanmar “bidashobora guhebwa ukwo”. Izo mpunzi zikaba zari zahunze ziva muri Leta ya Rakhine muri Myanmar kuva mu kwezi kwa Myandagaro 2017 zija mu gihugu ca Bangladesh.

Recommended for you