Wednesday, March 29, 2023
HomeNewsUburundi ntiburagera gushika ubu kwitwa igihugu cubakiye ku mategeko-Doudou Diène

Uburundi ntiburagera gushika ubu kwitwa igihugu cubakiye ku mategeko-Doudou Diène

Umurwi w-ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi umenyesha ko nubu agateka ka zina muntu kabandanije guhungabanywa mu Burundi kuva umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye agiye ku butegetsi , hatibagiwe n-ivyaha vy-agahomerabunwa.

Uwo murwi wa ONU urongowe na Doudou Diène  uvuga kandi ko naho hari intambwe zimwe zimwe uburundi bwateye, ubona ko butaraja ku nzira yo gukwirikiza ivyo bwiyemeje bijanye n-amategeko mpuzamakungu y-agateka ka zina muntu .Closure of Burundi's UN Human Rights Brings in Major Setbacks

Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru, Doudou Diène avuga uku:

ˮku bijanye n-ikibazo gihambaye cerekeye Leta yubakiye ku mategeko , ivyo biracari kure cane . Bibandanya vyunyuka buhorobuhoro naho umukuru w-igihugu yerekana ko umenga ashaka kugarukira ico gisata. Amategeko n-ibwirizwashingiro bihonywangwa amenya , abategetsi barafasha na bone guhonyanga ayo mategeko aha twovuga nk-itegeko rivuga ko abategetsi bakuru bakuru berekana ubutunzi bwabo imbere yo kwinjira canke binjiye mu banga canke itegeko rijanye no kwubahiriza amoko mu buzi bumwe bumwe . Abategetsi bandi baboneka bafata ingingo mu bisata batajejwe aha twovuga nk-aba comptables bo mu ma komine n-abatoza kori  bose nk-abo mu gisagara ca Bujumbura bakuwe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu . Ingingo zirafatwa ariko ntizikurikizwe  na cane cane nk-ingingo z-ubutungane  zirekura abanyororo. Amatohoza y-umurwi wa ONU yerekana ko n-inyuma y-itorwa rya Varisito Ndayishimiye, ibintu umunani twatanze bishobora gutuma biyangara mu Burundi nubu bicibonekeza  naho hari bike vyahindutse‟

Umwe mubagize uwo murwi Françoise Hampson avuga ko mu burundi hahindutse indongozi ariko ntihahindutse intwaro , nico gituma ayo mabi yabandanije. Kubwiwe, ngo iyo impanuro bagiye baratanga iyo zikwirikizwa, mu Burundi harikuba harabaye impinduka mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

 

Must Read