NEWS

‘Uburundi ntibukwiye kubandanya buri ku rutonde rw’ibihugu biteye akaga uri ONU’.

on

Ivyo vyaraye bimenyeshejwe ejo ku musi wa gatandatu n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira mu Nkuru ya ONU igira 73 i New York aho uwo yaserukiye leta y’Uburundi yamenysheje ko Inama y’umutekano ya ONU “yogira uburundutsi bwo gukura Uburundi ku rutonde rwayo[ ni kuvuga ku rutonde rw’ibihugu vyihwezwa].

Ezechiel Nibigira, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu Nama Nkuru ya ONU igira iya 73, i New York

Ezechiel Nibigira yamenysheje ati: “Ivya politike n’umutekano mu Burundi ntibikiri ivyotera akaga mu makungu…ikibanza Uburundi bukwiye ubu si ico mu nama y’umutekano ya ONU. Gikiwiye kuba mu nzego za ONU zijejwe kuzamura ubutunzi”.

Nibigira akaba yamenyesheje ko ko amatora yabaye ku wa 17 Rusama 2018 yabaye mu mahoro n’umutekano nyakuri, maze asubiramwo amenyesha ko ‘ikiringo ca Nkurunziza kizorangira mu mwaka wa 2020 kandi ko yitegiriye gushigikira umukuru w’igihugu mushasha’.

Nibigira kandi akaba yamenyesheje ko ku bijanye n’ibiganiro bihuza Abarundi ko ivyo biganiro vyo kugarukana amahoro mu Burudni vyabaye “umugenzo”.

Nibigira akaba yarangije asaba ko Uburundi bwokurwako ibihano bwafatiwe n’Ubuwme bwa Buraya “vyakarenganyo kandi bitesha icubahiro’ kugia ngo Uburundi bubandanye bwisununura mw’iterambere.

Soma hano iryo jambo ryose ryavuzwe na Ezechiel Nibigira i New York mu Nama Nkuru ya ONU.

Recommended for you