Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUburundi nibwo bwonyene muri EAC bwongerereje ku rugero ruteye ubwoba amahera azokwinjira...

Uburundi nibwo bwonyene muri EAC bwongerereje ku rugero ruteye ubwoba amahera azokwinjira mu kigega.

Nta gihugu na kimwe co mu karere ka Afrika y’ubuseruko categekanije kwongerereza amafaranga azokwinjira mu kigega ca Leta ku rugero ruteye ubwoba  nk’uburundi. Bivurwa n’umuhinga muvy’ubutunzi André Nikwigize. Aho kuva kuri uyu wa mbere Mukakaro, amafaranga azokwinjira mu kigega ca Leta azokwiyongera ku bice 40%.  Uwo muhinga akibaza nyimba azoba ari igitangaza kibaye ku gihugu c’uburundi kugira cinjize amafaranga nkayo gusumba ibihugu vyo mu karere, kuko kubwiwe, nk’igihugu ca Tanzaniya categekanije kwongereza iyongerwa ry’amafaranga ku bice 9%, Uganda: 7%, Urwanda :5% nayo Kenya ibice 4%.

André Nikwigize akabona ko iyongererezwa ry’amatagisi ku bidandazwa bitari bike bigiye kwunyura ubukene buri mu banyagihugu kuko ibiribwa vyose bigiye kuzoca biduga ku rugero ruruta ukwo ruri ubu maze inzara n’ubukene bitere mu banyagihugu.

«Amafaranga y’uyu mwaka w’ubutunzi ugiye kuzotangura itarike imwe y’ukwezi kw’indwi, yerekana ko amafaranga azokwijira mu kigega ca Leta azokwiyongera ku bice 40%. Umuntu agaca yibaza ati mbega ico gitangaza mu butunzi bw’uburundi cotuma Leta yinjiza amafaranga menshi angana gutyo  mu mwaka umwe ni ikihe? Twobamenyesha ko muri kano karere  uburundi burimwo  nta gihugu na kimwe categekanije iyongererezwa ringana gutyo . Akarorero Tanzaniya yategekanije iyongerwa ry’amafaranga angana ibice 9%, Uganda 7%, Urwanda ibice 5% nayo Kenya ibice 4% kandi ivyo bihugu vyose biremanga ko ikiza ca Covid-19 n’intambara iriko ibera  mu bihugu vya Aziya vyagize ingaruka zihambaye ku butunzi bwavyo» Niko Nikwigize yabwiye bagenzi bacu b’iradiyo RPA.

Uwo muhinga agasigura kandi ko Leta y’uburundi itategekanije imigambi ishobora kuduza ubutunzi bw’igihugu  mu nteguro y’amafaranga izokoresha muri uno mwaka. Nikwigize ati:«Mu gihe abarundi bakenye kandi bashonje, igisata co kurwiza umwimbu no kurwanya inzara caronkejwe ibice bidashika 6% vy’amafaranga yose ategekanijwe . Bisigura ko kurwanya ubukene uburundi atarivyo Leta ishira imbere. Nkuko tumaze kubishikiriza kenshi , uburundi nta terambere burama buzoshikira ridaciye mu burimyi.»

 

 

 

 

 

 

Must Read