NEWS

Uburundi Ngo Si “Ikibanza C’Ibagiro Ry’Abantu”.

on

Inyuma y’aho Intumwa Idasanzwe ya ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ariwe Zeid Ra’ad Al Hussein, yiyamirije ibihugu vya Syria, Yemen, Birmanie, Kongo n’Uburundi ko ari “ibibanza vy’ibagiro vy’abantu”, Leta y’Uburundi yamirira kure ayo majambo ya Zeid Ra’ad Al Hussein ko Uburundi ari “ikibanza c’Ibagiro ry’abantu”.

Soma kandi: Zeid Ra’ad Al Hussein : ‘Ibihugu Vy’Uburundi, Syria na Kongo Vyacitse «Ibibanza Vy’Ibagiro Vy’Abantu».

Ukwo kwamirira kure ayo majambo kwakozwe ejo nyene ku musi wa kabiri iyo mvugo imaze kuja ahabona. “ Biratanganje cane, na cane cane turavye ivyo twihweza mu gihugu cose hamwe n’utwigoro tumaze gukorwa mu bijanye n’agateka aka zina muntu”, niko Jean Baptiste Baribonekeza , ajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi,yishuye kuri ayo majambo.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA

Jean Baptiste Baribonekeza yavuze ko ata bimenyetso bigaragara ko hari ubwicanyi canke ibikorwa bihungabanya agateka ka zina muntu biriko birakorwa mu Burundi, ,nk’uko Xinhua Online ibishira ahabona.

Amajambo yiwe[ Zeid Ra’ad Al Hussein] yuzuye ukurenza urugero. Turavye ibitigiri dufise vyo mu mwaka wa 2017 hamwe n’intango ya 2018, twovuga ko ibijanye n’agateka aka zina muntu bitifashe nabi mu gihugu”, niko Jean Baptiste Baribonekeza yamenyesheje.

Recommended for you