Igihugu c’uburundi cashizwe mu kibanza ca 51 ku bihugu 52 vyo ku mugabane wa Afrika ,vyakozweko amatohoza n’ibanki nyafrika ijejwe iterambere BAD kuvyerekeye no guteza imbere amahinguriro. Biri mu cegeranyo iyo banki yakoze kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu 2021 ku bihugu vya Afrika havuyemwo ibihugu bibiri arivyo:Sudani y’epfo na Somaliya.
Ico cegeranyo kandi kivuga ko ibihugu biza imbere mu guteza imbere amahinguriro muri Afrika ari Afrika y’epfo iza mu kibanza ca mbere , hagakwirikira Maroc hamwe na Misiri. Igihugu kiza ubwanyuma muri ivyo bihugu 52 vyakozweko amatohoza na BAD ni Gambiya.
Abize ivy’ubutunzi babona ko kuba igihugu c’uburundi kiza mw’ico kibanza bidatangaje na gatoyi kuko igisata c’amahinguriro kitaratera imbere mu Burundi cane.Bakasigura ko umuntu aravye umwimbu w’amahinguriro atanga mu Burundi uracari musi y’ibice bitanu kw’ijana. Imvo batanga abo bahinga akaba ar’uko imitahe ija mw’ico gisata ari mike cane, umuyagankuba udakwiye, igitigiri gito c’abafise ubuhinga hamwe n’ibindi,…