Tuesday, February 7, 2023
HomeUbutunziUburundi mu bihugu bibiri vya mbere biheraniye ideni rinini EAC .

Uburundi mu bihugu bibiri vya mbere biheraniye ideni rinini EAC [The East African].

Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC urahanzwe n’ibibazo bitari bike bitewe no kubura amafaranga . Ubwo bukene muvy’ubutunzi bukaba buterwa no gucerwa canke ukudatanga intererano mwa bamwe mu banyamuryango . Ibihugu biza kw’isonga ry’abaheranye akaba ari ibihugu vya Sudani y’Epfo n’uburundi vyishuzwa amafaranga arenga imiriyoni 40 z’amadorare y’abanyamerika.

Igihugu ca Sudani y’ubumanuko niyo iza ubwa mbere mu bugaba bwo gutanga ico gitegerezwa mu muryango wa EAC. Nkuko ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya The East African kivyandika, Ico gihugu gisanganywe ibirarane vya miriyoni 22 z’amadorare nayo igihugu c’uburundi naco gisanganywe ibirarane vy’imiriyoni 5 z’amadorare. Amahera rero yose Sudani itegerezwa guha umuryango wa Afrika y’ubuseruko ni imiriyoni 29 n’ibihumbi 400 mu madorare y’abanyamerika nayo uburundi bukaba buheraniye umuryango wa EAC imiriyoni 12 n’ibihumbi 400 vy’amadorare. Urwanda rwishuzwa imiriyoni zitatu n’ibihumbi 600, ubuganda nabwo imiriyoni 3 n’ibihumbi 400, Tanzaniya nayo amadorare 1915 gusa nayo Kenya ikaba yishuzwa amadorare 20 gusa.

Nkuko tubandanya tubikesha The East African, Hagati y’ukwezi kw’indwi n’ukwicenda mw’uw’umwaka wa 2022, Igihugu c’uburundi carishe imiriyoni 2 n’ibihumbi 400 aho ayo mafaranga yaciye ajanwa mu kigega gikuru c’umuryango ku bice 40% nayo ayasigaye ashirwa mu kigega kiraba ivy’inzego z’umuryango. Ico kinyamakuru gisanga intererano ya buri mwaka ya buri gihugu kigize EAC yarongerejwe ku bice 26%.

The East African ivuga ko yabwiwe na bamwe mu bakozi bo mw’uwo muryango , ko ivyo birararane biheranywe bituma bihungabanya ibikorwa vy’uwo muryango ndetse no ku kibazo kijanye no guhemba abakozi.

Must Read