Igihugu c’uburundi cashizwe ku rutonde rw’ibihugu vya Afrika biza kw’isonga aho intwaro ibereye isigaye ari nk’umugani. Ivyo navyo ni :Sudani y’epfo, Somaliya, Eritreya, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Sudani, Centrafrika, Cameroun, Uburundi, Libiya na Guinée Equatoriale. Ikigo Mo Ibrahim cakoze urwo rutonde kikavuga ko cisunze ibintu vyinshi arivyo:umutekano muke, ugusubira inyuma nk’ibirenge kw’intwaro ibereye, ukunigira mu menshi demokarasi,…Ico cegeranyo kikongerako ko ivyo bihugu ubu bitakicizewe mu makungu. Ku mugabane wa Afrika y’ubuseruko, igihugu c’urwanda kikaba arico kiza imbere mu ntwaro ibereye nziza inyuma yo guca imbere igihugu ca Kenya.
Ikigo “Mo Ibrahim Foundation” c’umutunzi karuhariwe w’umwongereza ariko yamuka mu gihugu ca Sudani caraye gitangaje ko mu bice binini vya Afrika umutekano wabaye muke na demokarasi iragabanuka mu myaka cumi iheze. Iyo raporo ya “Mo Ibrahim Foundation” ivuga ko ubu ibihugu vyinshi vya Afrika bitizewe kuko ata mutekano uriyo ndetse ko n’intwaro ibereye itarashinga imizi ahandi naho ikaba yarasubiye inyuma nk’ibirenge.
Ico cegeranyo cagereranije ingene ibintu vyifashe ubu n’ingene vyari bimeze mu myaka 10 iheze . Aha, Raporo “Mo Ibrahim Foundation” ivuga ko ubu n’ivyahuha vyahuhutse , mu gihe agahengwe mu ntwaro ibereye kari kaboneka ahatari hake muri Afrika imbere y’umwaka wa 2012.
Iyo raporo yemeza ko bitangaje nko kubona kuva mu mwaka wa 2019 gusa mu myaka idashika itanu gusa harabaye itembagazwa ry’ubutegetsi incuro umunani. Ibihugu vya Mali na Burkina Faso bihana urubibe , nivyo bitwara idarapo muri Afrika y’uburengero mw’itembagazwa ry’ubutegetsi incuro nyishi muri ico kiringo.
Abakoze ico cegeranyo berekana kandi ko mu myaka 10 iheze , ibice 70% vy’abanyafrika babangamiwe n’umutekano muke, ihonyangwa ry’amategeko hamwe n’itituka ry’agateka ka zina muntu. Kubw’ico kigo, Ibihugu 30 vyarasubiye inyuma mu manota muri ico kiringo no muri ivyo bisata nkoramutima vy’ubuzima bw’abanyagihugu.
Ku mugabane wa Afrika y’ubuseruko, Igihugu c’urwanda kikaba arico caje ku mwanya wa mbere mu bihugu birangwamwo intwaro ibereye muri Afrika yose. Aho, urwanda ruza mu kibanza ca 12, hagasubira igihugu ca Kenya kiza ku mwanya wa 13, Tanzaniya ikaza ubwa 21 , Ouganda ikagira iya 31 nayo Ethiopiya ikagira ubwa 32.