NEWS

Uburundi Ku Rutonde Rw’Ibihugu Bitubahiriza Ubwigenge Bwo Kumenyeshamakuru.

on

Ku vyigwa vyakozwe n’abahinga, vyerekana ko ubwigenge mu bijanye no kumenyesha amakuru hirya no hino kw’isi bwasubiye inyuma cane kuva mu mwaka wa 2000 aho abamenyeshamakuru bahura n’uguhohoterwa, uguhamwa hamwe n’ukuriha amamande y’amafaranga mu bihugu bitari bike.

Nk’uko vyashizwe ahabona n’ikinyamakuru The Guardian, ibihugu vyimonogoza mu guhonyanga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ni Turkiya, Bresil, Uburundi, Egypte, Pologne, Venezuela na Bangladesh. Igihugu kiza imbere muri ukwo guhonyanga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ni Turkiya; Uburundi nabwo bukagira gatatu kuri urwo rutonde, nk’uko biboneka kuri iyo raporo.

Thomas Hughes, uwugira uruhara mu bijanye no gutunganya ingingo zigenga ubwigenge mu kumenyesha amakuru avuga ati: “ Ubu kuruta ikindi gihe cose, ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ntibwubahirijwe mbere no mu bihugu bigengwa na demokrasi, co kimwe n’ibihugu birimwo intwaro z’agahotoro”.

Mu Burundi honyene, ubu ubwigenge bwo kumenyesha amakuru buri hasi cane inyuma y’aho ibinyamakuru vyigenga bihagarikiwe gukora ku mugaragaro. N’abamenyeshamakuru bakora uko bashoboye kugira abanyagihugu baronke amakuru amwe amwe adashimwa kuvugwa n’ibinyamakuru usanga vyegereye cane ubutegetsi, usanga bayatanga mu kinyegero, mu gucisha ku mbuga ngurukana bumenyi nka za Facebook na za Twitter.

Ubu kuruta ikindi gihe cose mu Burundi,kubera ugukwiragira kwa internet mu gihugu, ibimenya menya vyerekana ko ubu Abarundi benshi bahitamwo kuronderera amakuru ku mbuga za internet aho kuyumviriza mu maradiyo canke ku mboneshakure kubera ko imboneshakure n’amaradiyo avuga usanga avuga amakuru yo kuruhande rumwe.

Recommended for you