NEWS

Uburundi Ku Rutonde Rw’Ibihugu Abanyagihugu bavyo Basabwa Gusuzumwa Mu Buryo Bwa None Binjiye Mu gihugu Ca Ukraine.

on

Mu rutonde igihugu ca Ukraine rwasize ahabona, hariho ibihugu 70 bimwe bimwe ivyo abanyagihugu bavyo basabwa gusuzumwa mu buryo bwa none( Controle biometrique) kugira bashobore kurengana umupaka wa Ukraine canke basohoka ico gihugu. Iryo tegeko risaba ko abanyagihugu bava muri ivyo bihugu 70, harimwo n’uburundi, gusuzumwa incuro zitanu( 5 fingerprints) kugira hamenywe imbere y’igihe intumbero yabatemeberera ico gihugu co mu Buraya bwo mu buseruko.

Urwo rutonde rw’ivyo bihugu ni uru: 1. Algeria, 2. Angola, 3. Afghanistan, 4. Bangladesh, 5. Benin, 6. Botswana, 7. Burkina Faso, 8. Burundi, 9. Vietnam 11. Guinea, 12. Guyana, 13. Ghana, 14. Guinea, 15. Guinea-Bissau, 16. Equatorial Guinea, 17. Papua New Guinea, 18. Djibouti, 19. Eritrea, 20. Ethiopia, 21. Egypt, 22. Yemen, 23. Zambia, 24. Zimbabwe, 25. Iraq, 26. Iran, 27. Jordan, 28. Cape Verde, 29. Cameroun, 30. Kenya, 31. Kyrgyzstan, 32. Comoros, 33. Republika iharanira demokrasi ya Kongo, 34. Kongo Brazzaville, 35. Koreya ya Ruguru, 36. Côte d’Ivoire, 37. Lesotho, 38. Liberia, 39. Libani, 40. Libya, 41. Mauritania 42. Madagascar, 43. Malawi, 44. Mali, 45. Morocco, 46. Mozambique, 47. Namibia, 48. Niger, 49. Nigeria, 50. Pakistan, 51. Palestine, 52. Uburusiya, 53.Sudan y’Epfo, 54. Rwanda, 55. Sao Tome and Principe, 56. Swaziland, 57. Senegal, 58. Syria, 59. Somalia, 60. Sudan, 61. Sierra Leone, 62. Tajikistan, 63. Tanzania, 64. Togolese, 65. Tonga, 66. Tunisia, 67. Uganda, 68. Centre Afrique, 69. Chad, 70. Sri Lanka.

Ivyo bishitse mu gihe igihugu ca Ukraine giheruka mu ntureka nubu zitarahera neza zavuye ku kuntu igihugu c’Uburusiya cigaruriye imwe mu ntara Ukraine ivuga ko iyegukira ariyo Crimée. Abanya Buraya na Amerika(L’Occident) bakaba batashimye iyo ngendo y’Uburusiya, ku buryo ubu hariho intwaro y’Abanyaburaya na Amerika. Ariko rero, hariho imigwi iciyitirira Uburusiya ishaka kubandanya itera akajagari mu gihugu ca Ukraine.

Umurundi rero wese ashaka gufata urugendo muri ico gihugu asabwe kugenda abizi. Uravye kandi urwo rutonde rw’ivyo bihugu, vyinshi muri vyo birangwamwo iterabwoba nka za Somalia, sudani y’Epfo, Iraki ,Koreya ya Ruguru n’Ibindi vyinshi. Ikibazo co kwibaza ni iki: “Uburundi bwoba bumaze gushirwa ku rutonde rw’ibihugu birwiriyemwo iterabwoba ku buryo abanyagihugu b’uburundi bosabwa gusuzumwa incuro zitanu imbere yo kwinjira mu gihugu kinaka?

Recommended for you