Saturday, January 28, 2023
HomeNewsUburundi cokimwe n-ibindi bihugu 34 vyagaragaje muri ONU ko ataho bihagaze mu...

Uburundi cokimwe n-ibindi bihugu 34 vyagaragaje muri ONU ko ataho bihagaze mu ntambara iriko ibera muri Ukraine.

Igihugu c-uburundi cokimwe n-ibindi bihugu 34 vyo kw-isi vyagaragaje ko ataho bihagaze ku ntambara zimaze indwi ziriko zihuza igihugu c-uburusiya na Ukraine. Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Ntwarante 2022 igihe ibihugu 181 bigize ishirahamwe mpuzamakungu ONU  vyari vyahamagariwe kugira vyerekane aho bihagaze ku rwandiko rutera ivyatsi ico bise «agasomborotso  ku burusiya kuri Ukraine».Le Conseil de sécurité de l'ONU prolonge le mandat de la force de maintien  de la paix sur le Golan_French.news.cn

Ukwo ayo matora yagenze ni uku :Ibihugu 141 harimwo ibihugu vyo mu karere nk-urwanda, kenya na Congo vyateye ivyatsi iyo ntambara uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Ibihugu 35 harimwo n-uburundi bikaba ataco vyashimye kugira ico buvuze kw-iyo ntambara, hamwe rero ibihugu 5 harimwo igihugu ca Eritreya co ku mugabane wa Afrika vyashimye kudatera ivyatsi urwo rwandiko.

Must Read

“ko wabuze ico ukora reka tukuyoze birya bicafu ube urakora ivyo”...

0
Abashomeri baja hagati mu gisagara ca Bujumbura ataco baba bariko barahakorera bagiye kubahagurukira . Bivurwa n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca aho agirako atomora mu...