Leta y-uburundi iriteze imfashanyo y-amadorare y-abanyamerika angana na miriyoni 60 azotangwa n-ibanki y-isi yose. Ayo mafaranga agiye gutangwa ku burundi akaba azofasha mu kurwanya ikiza ca Coronavirus. Mu nama y-abashikiranganji iheruka gukorana mw-iy-indwi turiko tusozera, hatangajwe ko muvyo iyo mfashanyo izokoreshwa harimwo kugura incanco z-ikiza ca Covid-19 . Leta y-uburundi ivuga ko yahisemwo kusaba iyo mfashanyo kubera imiriyoni zitanu z-amadorare y-abanyamerika yahawe mu mwaka uheze atakwiye bivuye kukuzimba kw-ibikoresho vyo kurwanya ako karanda.
Umunyamabanga mukuru akongera akaba n-umuvugizi wa Leta , Prosper Ntahorwamiye ari nawe yasomye ivyavuye mw-iyo nama nshikiranganji yamenyesheje uku :« Ibanki y-isi yose yaremeye gutanga uburyo bungana na miriyoni 60 z-amadorare y-abanyamerika . Ubwo buryo rero buzofasha mu kurwanya corona virus haba mu kurondera incanco canke ibindi bikoresho bikenewe mu gupima no kuvura iyo ngwara. Ubwo buryo buzofasha kandi mu kugura rusehabaniha mirongo itanu , iradiyo 30 zo gupima abarwayi zigenewe ibitaro vy- ama komine , ibitanda cumi cumi ku bitaro vya kom ine n-ibindi….»
Naho rero uburundi butegekanya kugura izindi ncanco, n-izo bwahawe kuva mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka wa 2021 ntizirukirwa cane n-abanyagihugu. Gushika kuwa 25 Ruhuhuma 2022, izo ncanco zahawe uburundi nk-imfashanyo zari zimaze gukoreshwa gushika ku rugero rw-ibice bidashika 2%, Nkuko tubisoma mu cegeranyo c-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya SIDA mu nomero ya nyuma iheruka gushirwa ku rubuga rwa Web relief service ruraba uko ibijanye n-imibano y-abantu vyifashe.