NEWS

Uburundi Bwihakanye Ukwikukira kwa Kosovo, Ni igiki Cinyegeje inyuma?

on

Inyuma y’aho hari haheze imyaka itandatu igihugu c’Uburundi cemera ukwikukira kw’igihugu ca Kosovo cikukira kiva ku gihugu ca Serbie, leta y’Uburundi yaraye ifashe ingingo yo kwihakana ivyo yari yasinye maze ihakana ukwikukir kw’ico gihugu ca Kosovo, ariko Kosovo ikavuga ko hari impamvu Uburundi buhisemwo gufata iyo ngingo bwonyene.

Uburundi bukaba bwahakanye iyo ngingo ku musi wa kabiri, nk’uko ibimenyeshamakuru vyo muri Serbie bibimenyesha. Bikaba vyatanguye igihe umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa serbie, Ivica Dacic, yatemberera Uburundi ku wa 17 Ruhuhuma 2018, aho ivyo bihugu bibiri vyaca vyumvikana ko ukwikukira kwa Kosovo uburundi butakikwemeye, maze biza gushirwa mu ngiro ku mugaragarao na Aime Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi mu rugendo arimwo muri ico gihugu ca Serbie kuva ku musi wa mbere muri iyi ndwi.

Naho biri uko, inyuma yaho Uburundi bugaragaje ingingo yabwo kuri Kosovo mu kwezi kwa kabiri , umushikiranganji w’imigenderanire wa Kosovo,Behgjet Pacolli, yaciye amenyesha ko ‘ingigo Uburundi bwafashe yo kwihakana ukwikura kw’intara ya Kosovo ari uko igihugu ca Serbie cemeye gutanga ibigwanisho ku gihugu c’Uburundi kugira ngo cihakane ukwo kwikukira kwa Kosovo’, nk’uko b9English yabishize ahabona.

Nyamitwe mu rugendo arimwo muri Serbia akaba yarasubiyemwo ko Uburundi bushigikiye ko Serbia yokwigenga ku butaka bwabo, maze aragaragaza ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Serbia izobandanya mu buryo bwiza.

Ukwikukira kw’intara ya Kosovo kukaba gusanzwe kuzwi mu makungu n’ibihugu vya Leta zunze Ubukwe za amerika, Ubumwe bwa Buraya, Australia n’ibindi bihugu muri rusangi na ONU.

Recommended for you