NEWS

Uburundi bwateye igikumu ku masezerano n’ishirahamwe rizokora amato azokorera mu kiyaga ca Tanganyika

By

on

Mu nama nshikiranganji yakoranye kur’uyu wa gatatu yarize amasezerano yateguwe hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahamwe Mango Tree Group rikora amato atwara abantu n’ibintu. Nkuko bivugwa na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa Leta y’Uburundi, ayo masezerano yari yashikanywe mu nama nshikiranganji ariko akaba yarasubijwe inyuma kugira atosorwe neza.

Ikiyaga Tanganyika rero kirahuza ibihugu bine arivyo Uburundi, Tanazaniya, Republika Iharanira Demokarasi ya Congo hamwe na Zambiya. Prosper Ntahorwamiye akavuga ko habuze amato yubatse kijambere ashobora gutwara abantu n’ibintu ari naco gituma ishirahamwe Mango Tree Group ryaciye ryemererwa gukora kur’uyu wa gatatu n’inama nshikiranganji.

Mwomenya kandi ko ibarabara rya Bujumbura-Rumonge ryari ryarabomaguriste riguweko n’imisozi bikaba vyari bigoye gushika mu ntara za Bujumbura bita rural, Rumonge na Makamba. Hamwe ayo mato yoboneka kugiciro kitavuna yosahiriza mu gisata co gutwara abantu n’ibintu.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.