Igihugu c-uburundi cashizwe ubugira bagatatu k-urutonde rw-ibihugu biteye ubwoba amakungu bivuye k-uburemere bw-ivyaha bihakorerwa .Biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa 21 Nyakanga 2021 n-ikigo mpuzamakungu ciyemeje guhimiriza ibihugu gukingira abanyagihugu ˮ Global center for the Responsibility to Protect‟. Ibihugu vya Philippine, Ethiopie n-uburundi, vyerekana ko abanyagihugu bavyo bashobora umwanya uwari wo wose gukorerwa ivyaha biteye ubwoba mu kivunga.
Nk-uko tubisoma mw-ico cegeranyo c-ico kigo, nuko ibimenyetso bitari bike vyerekana ko mu Burundi amabi ateye ubwoba ashobora gukorwa naho abarundi n-amakungu bari bizeye ku bijanye n-agateka ka zina muntu bizohinduka inyuma yaho Evariste Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi.
Ikigo Global center for the responsibility to protect kivuga ko mu gihugu c-uburundi hari icuka gishobora gutuma ivyaha vy-agahomera bunwa bishobora gukorwa mu gihugu. Ico kigo kikabivuga cishimikije ibintu ngenderwako vyashinzwe n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU ngo bifashe kwiga no kwiga ko ibara ritorwa mu gihugu.
Uwujejwe ivy-agateka ka zina muntu mw-ico kigo asigura ko umurwi wa ONU ujejwe gutohoza ku mabi akorerwa mu Burundi washize ahabona ibintu munani inyuma y-umwaka urenga Evariste Ndayishimiye yimitswe mu mabanga yo kuyobora uburundi, ata ngingo zafashwe mu bijanye n-intwaro . Ubwa mbere na mbere, ico kigo kiributsa ko umutekano ugoyagoya, ibibazo vy-ubukene bikabandanya vyiyongera, ivyaha vyo guhagarika abakekwa no gukorana n-imirwi irwanya Leta, kubanyuruza no kubaboreza igufa bibandanya bikorwa n-igipolisi, urwego rw-iperereza hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure. Ikindi ico kigo gishira ahabona n-uko kudahana ivyaha biheruka gukorwa canke vyakozwe muri kahise kwimonogoje nk-uko vyari bimeze ku ntwaro y-umuhisi Petero Nkurunziza, Leta y-uburundi nayo ibandanya idadaza ko idashobora gukorana n-umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ndetse n-ayandi mashirahamwe mpuzamakungu. Kubw-ico kigo, ngo ivyo bituma abatase baca bahitamwo gucisha ahabo bagakoresha inguvu kubera batatunganirijwe.
Mu kurangiza, Global Center for the responsibility to protect cerekana ko hari ibimenyetso sindamusiga bishobora gutuma ivyaha vy-agahomerabunwa bikorwa mu Burundi. Ico kigo kitanga akarero k-ibitero vy-abitwaje ibirwanisho biguma bikorwa, rusansuma rufatiye ku bwoko rwakozwe ku bakozi ba Leta, guhagarika ibirori vy-ababuze ababo mu magume yabaye mu gihugu hamwe n-uko Leta ikoresha ivyo vyabaye ku mvo za politike. Izo zikaba arizo mvo nyamukuru zatumye ico kigo gishira uburundi mu bihugu bishobora kubamwo canke biriko biberamwo amabi ateye ubwoba.