NEWS

Uburundi Bwarungikiye Leta Ya Kongo Abarwanyi 34.

on

Abarwany bashika ku 34 b’umurwi uriko urwanira mu Buseruko bwa Kongo mu gace ka Uvira bari bahungiye mu Burundi kubera izo ntambara bashikira mu ntara ya Rumonge, baraye barungitswe muri Kongo na Leta y’I Bujumbura, nk’uko RFI ibimenyesha.

Kubera imigenderanire inywanisha ibihugu vyose vy’ibiyaga bigari, Uburundi bwafashe ingingo yo kurungikira Leta ya Kongo abo barobeliba Mai Mai Yakutumba( Extradition).

Muri abo barungikiwe leta ya kongo hakaba harimwo Draguila icegera c’umukuru w’abo barwanyi ba Mai Mai Yakutumba. Ku makuru atangazwa n’abategetsi ba Kongo, abo barwanyi bakaba bahawe inzego ziperereza z’I Uvira mu ntara ya Sud-Kivu. Abakomeretse bashika bane bivugwa ko bakivurirwa mu Burundi.

Uwo murwi w’aba Mai Mai Yakutumba wama wagavye ibitero muri ako karere ka Uvira, mbere mu misi iheze muri Nyakanga 2017, uwo murwi warahatswe kwifatira Uvira yose iyo hataba abasoda ba ONU bacungera umutekano aho muri KONGO, aribo MONUSCO, basutsemwo mabisi barasubiza inyuma abo barwanyi.

Recommended for you