NEWS

Uburundi Bwaraye Butakaje Ikibanza Co Kuba Umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya EAC.

on

Inyuma y’aho habaye impari zikomeye hagati y’abagize komite y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko hagati y’igihugu coba gishikiriwe kuba umuvugizi w’inama Nshingamateka ya EAC( East African Legislative Assembly, EALA), ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya vyahavuye bihomba ico kibanza mw’ayo mahiganwa akaze maze ejo niho umunya Rwanda Martin Ngoga yaciye atorwa ngo umuvugizi wa EALA.

Martin Ngoga yatangajwe kuba Umuvugizi wa kane wa EALA inyuma yaho ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya vyikuriyue mwayo matora. Ubwa mbere amatora akaba yari yabanje guhagarikwa kubera Uburundi na Tanzania vyayikuyemwo.

Nk’uko ikinyamakuru The Observer kibishira ahabona,Uyo munya Rwanda, Martin Ngoga( Kw’ifoto), yatowe ku majwi 34 ku majwi abiri y’Umurundikazi yahiganirwa ico kibanza ariwe Leontine Nzeyimana. Uwari yitoje mu kibanza c’umuvugizi aserukiye Tanzaniya, Adam Kimbisa, yakuwemwo mu matora ya mbere inyuma yaho abuze n’umwe amutora mu bari mwayo matora bashika ku 36.

Inyuma y’uko habaye impari zikaze ,niho komite ya EAC yaca ihitamwo kubandanya amatora naho hari abayikuyemwo. Umshingamateka w’Uburundi Isabelle nahayo na mugenziwe wa Tanzaniya, Suzan Kolimba, baragerageje kurwanya iyo ngingo, ariko bakaba baciye banumywa n’abandi bashingamteka bari muri ayo matora.

Recommended for you