Abanyarwanda cenda bagizwe n-abakuze batandatu hamwe n-abana batatu nibo basubijwe iwabo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 kigarama 2021, aho bashikanywe ku rubibe rwa Kanyaru y-amaja epfo ,uburundi busanzwe buhana urubibe n-igihugu c-urwanda uciye mu ntara ya Ngozi.
Umunani muri abo banyarwanda bari bahunze urucanco rwa coronavirus ruriko rutangwa mu gihugu c-urwanda haraheze ikiringo c-indwi irenga. Bikavurwa ko bari baciye mu rufunzo rwa Kanyaru bahungira ku mutumba wa Nyakarama muri komine Bugabira intara ya Kirundo . Uwundi nawe ngo yari yahungukanye n-abarundi yiyita umurundi akaba yari yaronse indangamuntu yo muri komine Ntega.
Kubw-umuyobozi mwishikira mu biro kwa buramatari w-intara ya Kirundo, Nduwayezu Eric ari nawe yabaherekeje yasiguye ko kubashikiriza indongozi z-igihugu cabo biri mu ya ntumbero yo guhanahana abantu , baba bahunze amategeko y-ico gihugu canke inkozi z-ikibi.