NEWS

Uburundi bwankiwe kuja muri SADC.

on

Igihugu c’Uburundi cankiwe kwinjira muri wa muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubumanuko mu vy’ubutunzi(SADC: Southern Africa Development Community), nk’uko vyamenyesheshejwe n’umukuru w’uwo muryango,Hage Geingob, umukuru w’igihugu ca Namiibia.

Hage Geingob asigura ko impamvu Uburundi bwankiwe kuja muri uwo muryango ari uko hakiri ingorane mu gihugu c’Uburundi zavuye ku gusubira kwitoza kwa Petero Nkruunziza mu mwaka wa 2015, ivyatumye haba intureka zitari zike.

“Ibi bitumwa n’uko hakiri ingorane zitaratorerwa umuti uri kirya gihugu c’Uburundi…kandi haracriho amatati hagati y’Uburundi n’Urwamda ku bijanye n’imigenderanire hagati yavyo”, niko Hage Geingob yamenyesheje.

Ivyo akaba yabivuze ariko ayaga na mugenziwe wa Tanzania, Magufuli, uwitezwe kuba umukuru w’uwo muryango mu misi iri imbere.

Uburundi bukaba busanzwe bufitaniye ingorane zinaka n’imiryango minaka y’Ubutunzi nka COMESA, SADC hamwe mbere na EAC aho havugwa ko Uburundi bwoba bufitiye ideni EAC amafaranga ashika ku miliyoni 10 y’amadolari y’Abanyamierika.

Recommended for you