NEWS

Uburundi buzohura na Zanzibar mu rukino rwa mbere

on

Abakinyi cumi na babiri bakina mu Burundi, hamwe n’abakinyi umunani bakina mu bindi bihugu nibo batumweko kugira bazoserukire Uburundi mw’ihiganwa rya CECAFA CHALLENGE CUP 2015 rigiye gutangura mu gihugu ca Ethiopie. Uburundi buri mu muce wa kabiri (Groupe B), urukino rwa mbere rw’Intamba mu rugamba rukaba rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015.

Mu bakinyi cumi na babiri bakina mw’ihiganwa ryo mu Burundi batumweko, cumi n’umwe bose bakina mu murwi wa Vital’O.
Umurwi wa Zanzibar niwo uzokina n’Uburundi urukino rwa mbere rw’izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 2015 gushika kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 2015.

lodi

Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batumweko ni :

Arakaza Mac Arthur (Vital‘O), Biha Omar (Vital ‘O), Nshimirimana David (Vital‘O), Rugonumugabo Stephane (Vital ‘O), Kiza Fataki (Vital ‘O), Hakizimana Issa (Vital ‘O), Duhayindavyi Gael (Vital ‘O), Nahimana Shassir (Vital ‘O), Barenge Pistis (Vital ‘O), Niyonkuru Nassor (Vital ‘O),Mavugo Laudit (Vital ‘O), Ndikumana Yussuf (LLBS4 Africa), Nizigiyimana Abdoul Karim (Gor Mahia du Kenya),Ndayisenga Fwadi (Sofapaka du Kenya),Tambwe Amissi (Young Africans de la Tanzanie),Kavumbagu Didier (Azam FC de la Tanzanie), Kwizera Pierre (Rayons Sports du Rwanda), Cédric Amissi et Nduwarugira Christophe (Chibuto FC de Mozambique) hamwe na Nzokira Jeff (Djibouti Telecom).

Uko ibihugu bigabuye

Umuce wa mbere (GROUPE A) :
Ethiopie, Rwanda, Tanzaniya na Somaliya

Umuce wa kabiri (GROUPE B) :
Burundi, Ouganda, Kenya na Zanzibar

Umuce wa gatatu (GROUPE C) :
Sud Soudan, Soudan, Malawi na Djibouti