Umusore w’imyaka hagati ya 16 na 20 ava mu ntara ya Kayanza yakubiswe gushika n’aho ahakwa kwitaba Imana n’umuporisi yitwa Mwarabu, nk’uko vyavuzwe n’abanyagihugu bari iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ndetse bavuga ko bavyiboneye aho uyo mwana yatangura gukubitwa nk’inzoka, mu gihe ata n’amasaha 48 yari bwahere, uwundi nawe acumiswe imbugita kw’izosi n’umuporisi hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Intandaro ya vyose, bikaba vyavuye ku twuma uyo musore yoba yariko aratora ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura itarasha, uyo muporisi amukubise ijisho, aca amusimbirako, aramukubita asiga aryamitseko n’akabando. Abanyagihugu isinzi bakaba baciye bugariza ico kibanza kuri uyu wa 20 Nzero uyu mwaka, kuva igihe c’isaha zitatu n’igice gushika isaha zitanu, bakubita induru ku munwa, gushika n’aho haje igipori kimwe bita GMIR kugira gishobore kubanguranya abaporisi n’abanyagihugu, vyagaragara ko bagira bashiraneko.
Inyuma y’uguterana amajambo hagati y’isinzi ry’abanyagihugu n’abaporisi, umuduga twabariwe n’umwe mu baporisi bari aho ko ari uw’uwutwara GMIR akaba ariwo watwaye uyo mwana kwa muganga, vyaboneka ko aremvye cane, eka bamwe bakavuga ko atashobora kumara akanya kanini agihema, kuko yari yakubiswe bimwe vy’agahomere bunwa.
Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ACAT
Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu riharanira agateka ka zina muntu ACAT yari yishikiye muri ico kibanza, akaba yateye ivyatsi iyo nyifato igayitse y’abo baporisi bacungereye ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura. Yasavye ko abanyagihugu bokwubahirizwa n’abajejwe kubakingira, ntibabe aribo babahohotera. Ndetse akaba yamenyesheje ko agiye gukurikirana ivy’uyo mwana yakubiswe nk’inzoka, haba aho ariko aravurirwa mu bitaro canke mu butungane.
Ako kajagari rero kakaba kabandanije, kuko abanyagihugu bagiriza abaporisi bacungereye ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura, kuba binjira muri iyo soko, bagaheza bagatwara ibintu bitahiriyeyo mu mwaka uheze igihe ico kibanza casha kigatokombera, ibidandazwa vy’abanyagihugu bikahahonera, ivyoba bigikomeye rero, bikaba intandaro y’ugushamirana hagati y’abo baporisi n’abanyagihugu. bakabinyegeza muri zimwe mu nzu ziri iruhande y’iyo soko yahiye. Abo baporisi bagirijwe bakaba ataco bashimye kuvuga kuri ivyo vyose bagirizwa n’abanyagihugu.
Tukaba twobamenyesha ko kuri uyu wa gatandatu naho igenekerezo rya 18 Nzero, umuporisi yacumise imbugita kw’izosi umudandaza mutoya atembereza utuntu muntoke, igihe abo baporisi bariko basiganwa n’abanyagihugu batembereza utuntu mw’ibarabara bashaka kutubaka iruhande ya Palais des arts, inyuma y’aho abanyagihugu bankiye ko babibatwara, akaguma karaduka, ariko guca umuporisi asimbira kw’izosi ry’uyo munyagihugu, akamucumita iyo mbugita.
Iyo ngendo y’abaporisi rero ikaba yiyamirizwa n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bakurikiranye icumitwa imbugita ry’uwambere, n’ikubitwa ry’uwakabiri mu gatondo ko kuri uyu wa mbere. Basaba abakuru mu giporisi gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’abo barongoye no kubaha inyigisho z’ugusonera imibiri y’abanyagihugu, kuko bimaze kugaragara ko abaporisi bashitse mu banyagihugu, babafata nk’inyamaswa, uwo bafashe bagakubita, canke bakamukomeretsa bakoresheje ibikoresho vyabo bagendana.
Umunyagihugu yakubitiwe mu maso y’abaporisi yagirijwe kwiba umusipi wo kwambaza ipantaro, vyanse ko batabara kubera imishamirano yari hagati y’abanyagihugu n’abaporisi → Sources : IGIHE