Uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka k-abagabo ,rikarwanya amabi bakorerwa amenyesha ko umusi mpuzamakungu wahariwe abagabo utazwi mu Burundi ko kandi utahimbazwa n-ubwo uwo musi mpuzamakungu uhimbazwa n-ibihugu bitari bike vyo kw-isi.
ˮUyu musi kw-isi kugeza ubu uhimbazwa n-ibihugu birenga 60. Murumva yuko ari umusi usanzwe uhari. Ukaba uhimbazwa igenerekerezo rya 19 z-ukwezi kw-icumi na rimwe. Igihugu c-uburundi ntikirawemeza‟ Vyemezwa na Nduwimana Boniface arongoye ishirahamwe Human Stress riharanira agateka k-abagabo rikarwanya n-amabi abakorerwa.
Boniface Nduwimana abona ko umusi mpuzamakungu wahariwe abagabo wemejwe mu gihugu c-uburundi woza gutorera umuti ku bibazo bitari bike bihanze ingo. Agasaba kandi uburundi ko bwokwemeza uwomusi bukifadikanya n-ibindi bihugu.
ˮDusaba ko Leta yodushiriraho uwo musi kuko uwo musi uzoba uje gutora inyishu ya bimwe mu bibazo abagabo bafise . Uyu musi abagabo benshi bibaza ngo ibintu vyose yovyishoborera mugabo uyu musi umugabo ivyo aza ashobora bica biba gukoresha inguvu. Ariko uwo musi ubayeho , bizoba n-akaryo ko guhanurana kugirango abahoze barwa mw-ikosa kanaka bagakora ihohoterwa ku bakenyezi batazi ko ari ihohoterwa , maze ibi bintu vy-itandukana ry-ingo ,vyo guhunga, vyo kwiyahura, ibi vyose vyo guharika, bihagarare‟ Niko Boniface Nduwimana yongera kusigura.