Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama, mu gihugu c’urwanda zisaba ko Leta y’uburundi yohagarika burundu ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa mu Burundi hamwe no kwongera ikagarukana amasezerano ya Arusha yo kunywanisha abarundi . Ivyo ni bimwe mu bisabwa n’abarongoye izo mpunzi kugira bashobore gutaha mu gihugu c’amavukiro. Tukaba tubisanga mu rwandiko barungikiye Leta y’uburundi , urwandiko ruza kwishura ku butumire bari bahawe na Leta y’uburundi biciye ku ntumwa zaheruka kugendera iyo kambi mu ndwi iheze.
Muri ubwo butumwa bwitirwa ″Ugutomora neza imvo zituma impunzi zitahunguka mu Burundi‟, Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi y’i Mahama ziragaragaza urutonde rw’amabi akorwa na bamwe bari mu nzego za Leta ari nayo yabaye intandaro yo guhunga igihugu, ivyo navyo bikaba bifitaniye isano n’uguhonyanga amasezerano ya Arusha , ibwirizwashingiro hamwe n’ayandi mategeko igihugu cubakiyeko.
Iyo komite iserukiwe na Jean-Bosco Ikwibishatse ari nawe yateye umukono kuri urwo rwandiko , yerekana abantu 80 banyurujwe mu kiringo kitarenga imyaka ibiri, abapfunzwe bahohotewe, abakenyezi bafashwe ku nguvu bikozwe na bamwe mu mbonerakure , abari mu nzego z’umutekano be n’urwego rw’igendereza, Ivyo vyose bigakorwa mu kudahana kwa Leta y’uburundi .
Iryo tangazo riremeza ko mw’ikambi y’i Mahama hari abakorewe ayo mabi yose bagizwe n’abakenyezi bafashwe ku nguvu , ababorejwe igufa , abapfakazi n’impfuvyi zavuye muri ubwo bwicanyi. Urwo rwandiko ruributsa ko igihugu c’urwanda atarico conyene cakiriye impunzi nyishi z’abarundi ariko ko ikambi ya Mahama yamye nantaryo itungwa urutoke na Leta y’uburundi ko icuditsemwo umurwi witwaje ibirwanisho canke ko urimwo abakorana n’imirwi y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ivyo bikaba vyiyamirizwa n’abo bari mw’uwo murwi userukira izo mpunzi z’abarundi.
Kubw’iyo komite iserukira izo mpunzi, Ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza nico cabaye intandaro y’amagorwa abarundi barimwo , ico naco kikaba cagaragaye ko kitari cubahirije amategeko nkuko ngo biri mu rubanza rwaciwe na sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko , EAC ariko ko urwo rubanza akaba atacirwa Leta y’uburundi yashoboye kuhakura mu gutunganiriza abarundi. Kuri ivyo, Impunzi z’abarundi ziri i Mahama mu gihugu c’urwanda zisaba Leta y’uburundi ko yofata iyambere igahura n’abatavuga rumwe nayo bari mu buhungiro harimwo n’abari mu mirwi irwana kugira umuti uciye mu kuganira uboneke ari nawo wotuma impunzi ziri mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko zishobore guhunguka.