NEWS

Uburundi Busaba Gukorana na Kongo Mu guhagarika Abakoze Ubwicanyi mu Cibitoki.

on

Inyuma y’aho habaye ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwahitanye Abarundi bashika ku 26 mu ntara ya Cibitoki muri Komine Buganda mu gace ka Ruhagarika, Leta y’Uburundi ikaba yasavye igihugu ca RD kongo gukorana n’Uburundi kugira hahagarikwe abagirizwa kwica abo banyagihugu.

Leta y’uburundi ikaba yise uyo murwi w’abitwaje ibirwanisho “umurwi w’iterabwoba”, ko waciye uhungira muri Kongo umaze gukora iryo bara.

Sylvestre Nyandwi, umushikiriza manza mukuru wa Republika, yamenyesheje ejo ku musi wa mbere ko amatohoza yibanze yerekana ko izo nkozi z’ibibi zaciye zihungira muri RD kongo. “Twarashinze umurwi ncarubanza wahawe ukwezi kumwe uzobe wahejeje amatohoza yawo. Uyo murwi kandi ukaba uzoba wamaze gushikana uwo rubanza mu butungane</em>”, niko Sylvestre Nyandwi yamenyesheje.

Ubwo bwicanyi bwabaye ku musi wa gatanu mu ndwi turangije bwahitanye abantu 24 abandi babiri bapfira mu bitaro, abandi barakomereka.

Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ku musi wa gatandatu ubwo bwicanyi bwaraye bubaye ko ‘Leta y’Uburundi iriko ikorana vya hafi n’abategetsi ba Republika iharanira Demokrasi ya Kongo mu kuja hamwe mu kurwanya abo bantu bitwaje ibigwanisho’.

Recommended for you