NEWS

Uburundi Burizeye ‘Gutahukana Intsizi’ muri urwo Rubanza.

on

Ku wa 24 Rusama 2018,Sentare y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC Court of justice) yaramenyesheje ko ‘igiye gusubira kwihweza ko ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkuruziza ko coba kitahonyanze amategeko’.

Mu gihe vyoba gutyo, vyoca bifatwe ko Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro mu Burundi ‘yarenze ku mategeko’ mu kwemeza ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkuruziza.

https://twitter.com/Ikiriho/status/1001568430292598785

Umucamanza wo muri Leta y’Uburundi, Nestor kayobera, yamenyesheje ko urwo rubanza Uburundi bwizeye gutahukana intsinzi. ” Uburundi burizeye gutahukana intsizi muri urwo rubanza…si urubanza ruhambaye cane gusumba imanza nyinshi Uburundi bwagiye buratsinda mu makungu”.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike akaba yari yarungitse ibirego muri EAC Court of Justice mu mwaka wa 2015 ko ‘Petero Nkurunziza yahonyanze ibwirizwa shingiro’ mu kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Sentare ya EAC ikaba yari yavuze mu mwaka wa 2016 ko ‘ivyo birego ata shingiro bifise’. Iyo sentare nyene niyo yasubiriye gusubira kwihweza urwo rubanza. Ivyavuyemwo ntibirashirwa ahabona ku ngingo yafashwe.

Recommended for you