NEWS

Uburundi Buriteze Iyongerekana Ry’Ubutunzi Gushika Ku Bice 3,9% Mu Mwaka Wa 2018.

on

Nk’uko umushikiranaganji w’ikigega ca Leta , Domitien Ndihokubwayo yabimenyesheje ejo ku musi wa gatatu itariki 13 Kigarama 2017 imbere y’Inama Nshingamateka y’Uburundi, ubutunzi bw’Uburundi buritezwe ko buzokwongerekana gushika ku bice 3,9% mu mwaka uza wa 2018; aho n’amafanga leta ikoresha ku mwaka azokwiyongera gatoya, nko mu bijanye no kwivuna abansi, amasôko ntanganguvu n’uburimyi.

Imbere y’uko Inama nshingamateka y’Uburundi yemeza itegeko rishiraho amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza wa 2018, Domitien Ndihokubwayo akaba yarasiguye ko amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza “ azova cane” mu makori atangwa n’abanyagihugu n’amatagisi, ayitezwe kwongerekana gushika ku bice 9% mu mwaka uza.

Ariko rero, nta yandi makuru yatanzwe yerekana uko iryo yongerakana ry’ubutunzi rizoba. Ikigega c’isi yose FMI coco kimenyesha ko Uburundi bwiteze iyongerakana ry’ibice 0,1% mu mwaka wa 2018, nk’uko Reuters yabishize ahabona. Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje ko bice 81% vy’amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza bizova mu banyagihugu, mugihe hitezwe uruhombo canke ugukehanirwa kw’imiliyaridi 164 mu mafaranga y’Amarundi mu 2018, bitandukanye n’ikehanirwa rya miliyaridi 174 muri uyu mwaka wa 2017.

Ndihokubwayo akaba yamenyesheje ko amafaranga azokwegeranywa mu banyagihugu azova ku miliyaridi 1152,7 FBU uyu mwaka wa 2017, maze aje ku miliyaridi 1224,1 mu mwaka wa 2018, nk’iyongerekana ry’ibice 6,2%; mu gihe amafaranga yitezwe gukoreshwa mu mwaka uza azova ku miliyaridi 1325,7 muri uyu mwaka wa 2017 aje ku miliyaridi 1388,1 mu mwaka uza wa 2018, ni kuvuga nk’iyongerekana ry’ibice 4,6%, nk’uko Xinhua yabimenyesheje.

Kuva mu mwaka wa 2015, amafaranga ya Leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka atorwa hisunzwe ugushiraho budget yo “gutubika umukanda”( austérité budgétaire) kubera abahora bafasha Uburundi gushika ku bice 50 % vy’amafaranga yakoreshwa ku mwaka, nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, batakibikora kubera bagiriza Uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu, ivyo Leta y’Uburundi ihakana yivuye inyuma.

Recommended for you