NEWS

Uburundi ‘Buri Maso Cane’ Kubera Ikiza ca Ebola Muri Kongo.

on

Ubushikiranganji bw’amagara y’abanntu mu Burundi bwaraye bumenyesheje ejo ku musi wa gatanu ko inyuma y’aho ikiza ca Ebola gisubiriye kwibonekeza muri Kongo, Uburundi buri mu ‘bihe bidasanzwe’ kubera ico kiza( etat d’alerte).

Umushikiranganji Thaddee Ndikumana yabibwiye abanditsi n’abanyamakuru ejo ku wa agatanu ko gushika ubu ata ‘muntu n’umwe aratorwa ko arwaye ingwara ya Ebola ku butaka bw’Uburundi’, ku bwa Xinhua.

Thaddee Ndikumana akaba yongeyeko ko isuzumwa ku bantu boba bagwaye ingwara z’ivyaduka rikenewe cane kugira hazitirwe inkurikizi zianka.

Thaddee Ndikumana yamenyesheje ko Leta y’Uburundi izokoraana cane na Ishirahamwe ryitaho amagara kw’isi OMS n’abandi bafasha mu gisata c’Ubuvuzi kugira habe isuzumwa rikomeye hamwe no gufata ingingo nziza zo kwikingira.

Leta ya Kongo ikaba yatangaje ku musi wa kane ko abantu cumi n’umwe babonetse ko barwaye Ebola hama umwe arahasiga ubuzima.

Recommended for you