PORITIKE

Uburundi buraza kw’ipima n’igihugu ca Tunisia mur’ukino kivandimwe

By

on

Urwo rukino rukaza gutangura igihe c’isaha zibiri zijoro n’iminota 15 mu gihugu ca Tunisia kur’uyu wambere. Urwo rukino rukaba arurwo kwitegurira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru kizotangura mu misi ine gusa nukuva itariki 21 ruheshi mu gihugu ca Misiri.

Mur’urukino ruheruka na rwonyene rwa kivandimwe gwo kwimenyereza rwahuje Intamba m’urugamba n’igihugu ca Algérie, ivyo bihugu vyompi vyaranganije igitsindo kimwe ku kindi. Bikaba vyaratangaje cane abarororezi bo mu gihugu ca Algérie.

Aho ni mu gihe igihugu ca Nigéria caraye gitsinzwe n’igihugu ca Sénégal m’urukino rwo kwimeyereza na ho nyene. Ico gihugu ca Nigéria kikaba arico gihugu cambere kizohura n’Uburundi m’urukino rwa mbere Intamba m’urugamba ruzokina mw’ihiganwa CAN 2019 hazoba ari itariki 22 ruheshi 2019.

Urutonde rw’abakinyi baza gukina kur’uno mugoroba bakaba bari kiriki gicapo.

Recommended for you