NEWS

Uburundi Buragirizwa ‘kudakorana neza’ n’abahinga mvamakungu mu matohoza.

on

Mu nama ya 38 i Geneve , umugwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, UN Human Rights Council, wagirije Uburundi ko ‘butakoranye neza n’abahinga ba ONU bakora amatohoza bigenga mu gukorana n’abategetsi b’Uburundi‘.

Kate Gilmore yaravuze ku kibazo kijanye n’Uburundi ko mu Burundi agateka ka zina muntu kabandanya kononekara. Kate Gilmore akamenyesha ko agateka ka zina muntu kabandanije gahungabana kubera umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Harabaye iyongerekana ry’ibikorwa ry’imirwi y’abitwaje ibigwanisho yegamiye umuhari w’Urwaruka wegamiye ubutegetsi. Uguhagarika abantu kwarakoreshejwe bwa gikoresho cogutera ubwoba mu misi yashikanye ku matora y’ibwirizwa shingiro“, Kate Gilmore.

Kate Gilmore yamenyesheje kandi ko leta y’Uburundi itemeye ko abahinga ba ONU bakora amatohoza ku Burundi batemerewe na leta y’Uburundi kwinjira mu gihugu kugira bakore akazi kabo. “Leta y’Uburundi ntiyubahirije neza ingingo zafashwe ariko ikaba yaranse gusinya ama Visa y’abahinga bakora amatohoza bari barungitswe mu Burundi”.

Recommended for you