NEWS

Uburundi buragabisha ko bushobora kuva muri EAC. Kubera iki?

on

Uburundi buragabisha ko bushobora kuva mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko kubera ugukoreshwa kw’ururimi rw’icongereza mu bikorwa vy’uwo muryango.

Ivyo bikaba vyameneyshejwe na Pascal Nyabenda(umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi), aho yamenysheje kuri RTNB ko ivyo Uburundi busaba vyameneyshejwe muri EAC.

Uburundi ntibushima uko ururimi rw’icongereza ari kimwe mu bisabwa kugira ngo umuntu ashobore kuronka akazi muri EAC. Leta y’Uburundi ikameneysha ko ivyo bica bikumira Abarundi kubera ko bobo bivugira Ururimi rw’igafaransa.

Pascal Nyabenda akaba yamenyesheje ko igisabo c’uko Igifaransa cotangura gukoreshwa muri EAC cashikanwe na Leta y’Uburundi mu bihugu vya EAC.

Ibihugu bigize EAC bikaba ari Uburundi ,Kenya, Uganda, Rwanda, Sudan y’epfo na Tanzania.

Uburundi bukameneysha ko ari nka hamwe igisabo cabo ku bijanye no gukoresha ururimi rw’icongereza kitokwumvirwa, bwoca bukinjura muri uwo muryango, nk’uko Pascal Nyabenda yabimenyesheje.

Recommended for you