NEWS

Uburundi bufise ikibanza ci 159 mu bihugu 180 mubijanye no kumenyesha amakuru

By

on

Ivyo vyibonekeza mu cegeranyo ishirahamwe mpuzamakungu RSF ryaraye rishize ahabona. Ico kibanza nico nyene Uburundi bwari bufise mu mwaka uheze w’i 2018. Ivyo vyavuye ahanini n’iyogarwa ry’amaradiyo yo hanze yahora yumvikana mu Burundi nka BBC na VOA.

Ico cegeranyo ca Reporters Sans Frontière kivuga ko hakiri vyinshi vyo gukora mu bijanye no kumenyesha amakuru mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko. RSF ikavuga ko kubuza ko inkuru zisohoka no guhohotera abamenyeshamakuru bajejwe amatohoza vyibonekeje mu bihugu vya Afrika.

Ibihugu vya Somalia na République Centrafricaine vyaravuzwe cane murico cegeranyo aho abamenyeshamakuru 6 bagandaguwe na Leta canke imirwi igwana. Ibihugu nka Ethiopie na Namibie bikaba vyarabonetse ko vyateye intambwe iboneka mu vyo kumenyesha amakuru.

Nestor Bankumukunzi arongoye ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi ntiyashatse kuvuga ico yiyumvira kur’ico cegeranyo, akavuga ko ataragishikirizwa.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.