Tue. Jan 28th, 2020

Uburongozi bwa UPRONA i Bujumbura bushigikiye Abel GASHATSI

Indongozi z’umugambwe UPRONA mu gisagara ca Bujumbura ziriyamiriza urwandiko rwasohowe na bamwe mu bagize komite nkuru y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, aho basaba uwutwara UPRONA Abl GASHATSI ko yotanga imihoho.

Mu rwandiko abagera kuri 80 barongoye uwo mugambwe ku rwego rw’igisagara ca Bujumbura, kuva hasi gushika hejuru, basohoye kuri uwu wa kabiri, bavuga ko bashima cane ibikorwa vya Abel GASHATSI, bakagiriza abamusavye ko atanga imihoho ko batacishije ibibazo bafise mu rwego rukuru rw’umugambwe.

Marie Claire BURIKUKIYE arongoye UPRONA mu gisagara ca Bujumbura avuga ko abasavye ko Abel GASHATSI atanga imihoho ari abamenyereye akajagari, mu kujana ibibazo bihari mw’ibarabara.

Tubibutse ko hari abantu bagera kuri 20 bari muri komite nkuru ya UPRONA banditse ikete basaba ko uwutwara UPRONA abogozwa, bakamwagiriza gutunganya nabi amatunga y’umugambwe.

Marie Claire BURIKUKIYE, umukuru w’umugambwe UPRONA mu gisagara ca Bujumbura