Hari ukutabona kumwe ikibazo c’ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ivyo bikaba binaboneka no mu burongozi bw’umugambwe uri ku butegetsi unaturukamwo umukuru w’Igihugu ariwo CNDD FDD.
Mu kiganiro umukuru w’umugambwe CNDD FDD yahaye ikinyamakuru BBC yamenyesheje ko ata wundi mu Candidat azokwitoza ku ruhande rwa CNDD FDD atari nkuru nziza, ngo ataruko abagumyabanga ntibazobahamagare gutora.
Haheze imisi mikeya Onesime Nduwimana nawe akaba yamenyeshe ko ivavuzwe ari ububeshi kubera batigeze bagira amatohoza ngo hamenyekane uwo abagumyabanga bashaka gushira imbere.
Nayo muri ADC ikibiri bakaba babona ko ico kibazo camaze gutorerwa umututi ahubwo ko ari vyiza umukuru w’igihugu c’Uburundi aravye uko yotegura ibisanya ryiwe n’uwuzomusubirira mu kweiz kw’umunani.