Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa "biométrique" bugiye gutangwa mu Burundi.

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu Burundi.

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa “biométrique” bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya mbere niyo azoronswa ubwo burangamuntu . Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse hari kuri uyu wa gatanu imbere y’abashingamateka yishura ku cegeranyo c’ingene amakomine yegeranya uburyo agatunganya imigambi yayo. Uwo mushikiranganji avuga ko ivyuma vyogukora ubwo burangamuntu bimaze gutumwako.

Umushikiranganji Ninteretse akamenyesha kandi ko iyo karangamuntu yo ku buhinga bwa none izofasha kurwanya ububeshi bwahora bukorwa mu gisata kiraba ivy’inyandiko ndangamuntu . Ninteretse ati : «ubu tugiye kwirabira umuntu usanga yagize marriage kabiri canke gatatu agahindura izina ,agahindura karangamuntu agiye i Bururi avuye mu Kayanza afise agatima kadatomoye ugaca usanga azanye uwundi mugore canke agiye ku wundi mugabo kubera ko ibiba bimuranga bidatomoye». Uwo mushikiranganji akaba kandi yamenyesheje ko bariko batumako hanze y’igihugu ivyuma vyogutangura gukora ako karangamuntu. Ivyo navyo bizoba bigizwe naza mudasobwa, imashine zo gusohora uburangamuntu buzoba buhejeje gukorwa zitwa “imprimante” n’ibindi,… Nkuko umushikiranganji Martin Ninteretse abandanya abivuga nuko uwo mugambi uzotangura kurangurirwa mu makomine 11 ya mbere agize igihugu c’uburundi.

Tubamenyeshe ko igihugu c’uburundi coba cari mu bihugu vya nyuma vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bitarakoresha iyo karangumuntu yo ku buhinga bugezweho bwa none. Mu mwaka wa 2014 uwo mugambi wo gutangura gutanga izo karangamuntu waramejwe ariko urangira uburijwemwo kubera hari impari zifatiye ko hoshobora kuba ubusuma bw’amatora yo mu mwaka waca ukwirikira wa 2015 maze uwo mugambi uba urabangiriwe gushirwa mu ngiro ukwo.

Must Read