NEWS

Ubumwe Bwa Buraya Ngo Buriteguriye Kunagura Imigenderanire N’Uburundi.

on

Ku musi wa gatatu itariki 15 Munyonyo 2017, umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, yarahaye umubonano uwuserukira Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahousse, kugira bayage ku bijanye n’imigenderanire ivyo bihugu bifitaniye hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya.

Nk’uko Xinhua ibimenyesha, Laurent Delahousse( kw’ifoto ari kumwe na Pierre Nkurunziza) yamenyesheje inyuma y’uwo mubonano ko baganiriye ibijanye no gushiraho ivyotuma Uburundi busubira kugira imigenderanire n’Ubumwe bwa Buraya. Yagiriyeko amenyesha ko n’ibindi bihugu bigize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bifise iciyumviro kimwe co kunagura imigenderanire Ubumwe bwa Buraya bufitaniye n’Uburundi.

Laurent Delahousse yamenyesheje ati : « Hamwe na bagenzi bacu bo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, twese dufise iciyumviro kimwe naho ivyo dukunda atari bimwe,ariko dufise inzira imwe yo gutorera inyishu ibibazo binaka. Iyo nzira ni iyo kunagura ubucuti hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya hamwe no kumenyesha abategetsi b’Uburundi ibihe binaka n’ibisabwa vyotuma iyo migenderanire isubira kuba myiza kuruta.

Pascal Nyabenda yamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye kwakira mu ndwi iza Inama Nshingamateka y’abahurikiye mu Murwi w’abavuga ururimi rw’igifaransa( Francophonie). Nyabenda akaba yamenyesheje ko naho Iyo Nama Nshingamamateka yaguma yanka kuza mu Burundi, ubuho ko yahavuye yemera kuza kwirabira uko ibintu bimeze.

Mukamenya ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ishirahamwe ry’Ubuwe bwa Buraya atari myiza kuva mu 2015, aho iryo Shirahamwe ryahagaritse imfashanyo zose zahora zica muri leta kubera ryagiriza Leta y’Uburundi gukora ibikorwa bihungabanya agateka ka zina muntu kuva muri Ndamukiza 2015.

Recommended for you