Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUbumwe bwa buraya bwahisemwo gukura ibihano ku burundi kugira uburusiya ntibubandanye bwigarurira...

Ubumwe bwa buraya bwahisemwo gukura ibihano ku burundi kugira uburusiya ntibubandanye bwigarurira uburundi- ACAT-FRANCE.

Umuryango w-ubumwe bwa buraya warirengagije iyubahirizwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi maze ushira imbere umukenyuro wawo wo gukurako ibihano ku burundi. Ikindi, ngo uwo muryango wahisemwo iyo ngingo yo gukurako ibihano vy-ubutunzi kuri Leta y-uburundi mu ntumbero yo kubuza igihugu c-uburusiya (gisanzwe ari umukeba w-ubumwe bwa buraya) mu kubandanya gikomeza imigenderanire n-uburundi. Ivyo bishikirizwa na Clement Boursin , aserukira ku mugabane wa Afrika  ishirahamwe ryiyemeje kurwanya kuborezwa igufa abantu, ACAT-FRANCE.Clément BOURSIN (ACAT France) DOCUMENTER LES VIOLATIONS DES DROITS HUMAINS  - YouTube

Clement Boursin akanegura ingingo iheruka gufatwa n-uwo muryango w-ubumwe bwa buraya imbere yuko Leta y-uburundi nayo ishira mu ngiro ivyo yari yariyemeje  na cane cane gukingira agateka ka zina muntu .

Mu kiganiro yagiranye na Radiyo Ijwi ry-abanyagihugu , RPA Clement Boursin abivuga uku : « Ica mbere twovuga ntitwanse ko umuryango w-ubumwe bwa buraya n-uburundi bisubira gufashanya , ariko birakenewe ko turaba ko bamwe n-abandi biyemeje . Tugarutse ku catumye uburundi bufatirwa ibihano mu kwezi kwa Ntwarante 2016,  Ivyo bihano vyafashwe hisunzwe amasezerano y-i Cotonou, biturutse kw-ihonyangwa rikabije ry-agateka ka zina muntu ryariko rirakorwa kuva mu mwaka w-2015, ni ukuvuga ko hari ivyo Leta y-uburundi yiyemeje hamwe n-ivyo umuryango w-ubumwe bwa  buraya wiyemeje. Kandi uwo muryango wategerezwa gukurikirana ivyo uburundi bwiyemeje gushira mu ngiro (…) Twasanze rero ingingo yo gukurako ibihano vy-ubutunzi ku burundi ari umukenyuro wa politike mu gushira agateka ka zina muntu mu kibanza ca kabiri. Ivyo vyose ubumwe bwa burayi bwabikoze mu ntumbero yo kudatakaza imigenderanire hamwe n-uburundi no kutareka uburusiya ngo buronke akaryo ko kugiranira imigenderanire  n-uburundi na cane cane  ko muri kino gihe ico gihugu kidacana uwaka n-uwo muryango w-ubumwe bwa buraya» 

Clement agahamagarira umuryango w-ubumwe bwa buraya gukurikiranira hafi ko Leta y-uburundi ishira mu ngiro ivyo yiyemeje muri kino gihe uwo muryango wamaze guhitamwo kwiyegereza Leta y-uburundi.« Ico twipfuza nuko iyo ngingo yotuma ibijanye n-agateka kazina muntu binaguka hama abarundi baronke amahoro kandi banywane. Abakorewe ivyaha nabo batunganirizwe»  Nivyo Boursin asaba umuryango w-ubumwe bwa buraya.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...