NEWS

Ubumwe bwa Buraya bwagarukiye Ku bahuye n’imyuzure Mu Burundi.

on

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, irisanzwe ritabona kumwe ibintu na leta y’i Bujumbura, ryagize ico rikora mu kugarukira ku bantu bashikiwe n’icago c’imyuzurire mu Burundi mu kwezzi kwa Rusama mu gatumba mu ntara ya Bujumbura, mu gutanga imfashanyo y’amafaranga y’amarundi ashika ku miliyoni 350( ama euros 170 000) mu kugarukira ku basinzikajwe n’ico cago.

Mu makuru UE ishira ahabona, iyo mfashanyo ikaba igenewe gutanga imfashanyo yihuta ku miryango irenga 700 iyo uburyo bwabo bwo kwibeshaho vyahitanywe n’iyo myuzure. Ibiri muri iyo mfashanyo harimwo no kwubakira indaro abateshejwe izabo n’iyo myuzure, imfashanyo y’ibifungurwa hamwe n’ugutanga ibikoresho vya nkenerwa mu buzima nk’ivyo kwifuka n’imisegetera, hatibagiwe ibjanye no gufata ingingo zo kwikingira nibijanye n’amagara.

Iyo mfashanyo ikaba ije mu rwego rw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu bijanye no Gufasha vyihutirwa( Fonds d’urgence pour les secours lors de catastrophe (FUSC)) hafadikanije n’amashirahamwe nka Croix rouge.

Imvura yaguye itariki 4 Rusama 2018 yatumye haba imyuzurire yibasiye cane agace ka Gatumba, ku bilometero 12 uvuye mu gisagara ca Bujumbura. Ivyahononekariye bikaba ari vyinshi:abantu bashika ku 12 956 barashikiwe nico cago hamwe n’amazu ashika ku 2133 yashitsweko niyo myuzurire. Amazu ashika ku 500 akaba yarasambutse ku buryo atoba bigishoboka ko abamwo abantu.

Imirima myinshi yarimwo ibiterwa ikaba yaratwawe ku buryo abanyagihugu benshi bari basanwe batunzwe n’uburimyi bashikiwe nivyo vyago vy’imyuzure, nk’uko Ubumwe bwa Buraya bubishira ahabona.

Recommended for you